Ingingo y'Uburundi yo Kwirukana Uwuserukira OMS Iranebagurwa

John Nkengasong, aramutswa CDC

Ikigo kijejwe kurwanya n'ukwirinda indwara muri Afrika, CDC, canebaguye civuye inyuma ingingo ya Reta y'Uburundi y'ukwirukana uwuserukira muri ico gihugu ishirahamwe mpuzamakungu ryitahao amagara y'abantu, OMS.

Ni inyuma yaho iryo shirahamwe ryerekanye impungenge ku bibazo vy’abantu baba buzuranye mu makoraniro yerekeye amatora yimirije kuba mu Burundi, ikongera igakomeza gusatira Reta y'Uburundi gutanga amakuru akwiye ku kungene ikibazo ca COVID-19 cifashe.

Mu nyuma yaho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, yandikiye ikete ishirahamwe OMS avuga ko uwuriserukira mu Burundi Walter Kazadi Mulombo aziririjwe mu gihugu; ko ategerezwa kuva mu gihugu uno musi ku wa gatanu, hamwe n’abandi bahinga batatu ba OMS.

Umuyobozi mukuru w’ikigo,CDC, Dogiteri, John Nkengasong amenyesha ko iyo ngingo ya Reta y’Uburundi ibabaje, kubera ije mu gihe gukorera hamwe mu rugamba rw’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona bikenewe cane rwose.

Yamenyesheje ko hamwe Uburundi bwoba bufitaniye ibibazo ivyarivyo vyose n’ishirahamwe OMS, vyoba vyiza bubitoreye inyishu biciye mu biganiro.