Kuri uyu wa mbere, Ishirahamwe mpuzamkungu ONU n’urunani mpuzamkungu IANSA (International Action Network on Small Arms) rwishinze kurwanya ibirwanisho bito bito batanguje indwi yahariwe kurwanya amabi aturuka ku birwanisho biri mu minwe y’abatabifitiye uruhusha.
Ni igikorwa gishitse mu gihe bene ivyo birwanisho bimaze iminsi vyiha inkumbi mu bihugu nk’Uburundi, u Rwanda, Republika ya Demokarasi ya Kongo n’ahandi mu karere. Ishirahamwe MI-RPD (Mechanisme pour l’Initiative de la Recherche de la Paix et le Developpement) rirwanya ikwirakwira ry’ibirwanisho bito bito mu karere k’ibiyaga binini, rihamagarira ama reta kugira umugambi utomoye wo kwaka ibirwanisho abanyagihugu basanzwe babitunze.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda, Pierre Claver Niyonkuru, aratubwira ido n'ido ry'iyi nkuru.
Your browser doesn’t support HTML5