Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, reta, urwego nshingamateka na nkenguzamateka bitanguye indwi y’impari zikomeye ku mutahe igihugu kizokoresha muri uyu mwaka.
Iyi ni indwi ihambaye cane kuri Prezida Joe Biden kuko abarongoye abandi mu mugambwe w’Abademokrate bagabanije umutahe w’amadolari Tiririyoni 3 n’igice uzokoreshwa mu migambi ngenderwako yo gusanura igihugu yiswe” Build Back Better”. Uyo mutahe waragabanijwe kugira ngo abashingamateka bari bafise amakenga ku bwinshi bwawo bawushigikire maze wemerwe, reta itarengeje ikiringo cotuma ica yugarwa.
Umugambi wo kwihweza umutahe wagenewe gusanura amabarabara hamwe n’ibindi, ungana na Tiririyoni imwe y’amadolari wari kwihwezwa uyu musi ku wa mbere, wasibijwe gushika ku musi wa kane mu gihe impari n’ibigariro bibandanya.
Uyu musi ku wa mbere kandi bitegekanijwe ko inama nkenguzamateka ikorana igashikiriza amajwi ku twigoro two kuraba ukuntu reta itokwugarwa, imbere yo ku musi wa kane, ari nawo musi wa nyuma w’umwaka wo gushikiriza umutahe igihugu kizokoresha. Uyo mutahe ushobora kugira intambamyi bivuye ku bahurikiye mu mugambwe w’Abarepublika. Yamara abashingamateka bashobora gusubira kuwiga mu mpera z'iyi ndwi.
Prezida Biden, umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi hamwe n’umukenguzamateka arongoye abandi mu mugambwe w’Abademokrate muri Sena, Chuck Schumer, bari mu mishikirano ikomeye. Iyo mishikirano yerekeye uyo mutahe uriko uragabanywa kugira ngo abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bamwe bamwe banse gushigikira uyo mutahe wa triliyoni zitatu n’inusu z’amadolari hamwe n’iduzwa ry’amatagisi ku mashirahmwe n’abatunzi bashobore bawushigikira.