Imyiyerekano y'Abamenyeshamakuru ba AFP muri Nijeriya

Abamenyeshamakuru b’itororokanirozo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ejo ku wa mbere barakoze imyiyerekano ku murwa mukuru wa Nijeriya basaba ko haba amatohoza yo kumenya amakuru ya mugenzi wabo yabuze irengero haciye indwi zibiri.

Todue Salem umumenyeshamakuru akorera ikinyamakuru cigenga Vanguard mu nyubakwa y’inama nshingamateka mu gisagara ca Abuja, avuga k’uwo mumenyeshamakuru aheruka kuboneka kw’itariki 13 z’uku kwezi kwa cumi, inyuma yaho asohokeye inyubakwa y’inamanshigamateka.

Utwigoro tw’umuryango wiwe n’abagenzi hamwe n'abo bikorana mu kurondeza irengero ryiwe ntaco turashikako. Impamvu umumenyeshamakuru Salem yoba yaranyururijwe ntiramenyekana, ariko AFP ivuga ko muri iyi misi ya vuba ubugizi bwa nabi bujanye no kunyuruza abantu no gusaba ingwati mu kubarekura bumaze amazei bwibonekeza mu bisagara bitandukanye harimwo na Abuja.

Nta mugwi uriyitira inyuruzwa rw’uwo mumenyeshamakuru ariko abo bikorana bavuga ko bafise amakenga yuko yoba yaratwawe n’inzego za reta zijejwe umutekano.

Ejo ku musi wa mbere abamenyeshamakuru bo mu gisagara ca Abuja bagize imyiyerekano bari mu myambaro yirabura bafise ivyapa bivuga biti “ itangazamakuru si icaha” “Bohora itangazamakuru” “ReKa kugira ibtero ku bamenyeshamakuru”

Emmanuel Ogbeche umukuru wa sendika y’abamenyeshamakuru I Abuja yabwiye itororokanirizo rya AFP ati “Iryo nyuruzwa ryari riteguwe, hari uwundi mumenyeshamakuru Jones Abiri amaze imyaka ibiri apfunzwe n’inzego za reta zijejwe umutekano."

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

ONU YIpfuza Abandi Basirikare b'Uburundi