Impungenge z'Amatora yo ku wa Mbere muri Zimbabwe

Nelson Chamisa mu kiganiro n'abanyamakuru

Nelson Chamisa umwe mu banyepolitike batavuga rumwe na Reta muri Zimbabwe yatangaje ko amatora yo kuri uno wa mbere ashobora kurangwa n'ubusuma.

Chamisa yagiriza abategetsi b’urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora ko bahengamiye ku ruhande rw’umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF.

Utundi tunenge abatavuga rumwe na Reta batora urwo rwego ni ukuba rutarerekana ibitigiri vy'impapuro zo gutorerako zasohowe n'aho zakorewe.

Nelson Chamisa yabwiye abanyamakuru ko naho kubwiwe Abanyezibambwe ata cizere bafitiye uwo murwi, abatavuga rumwe na Reta bazokwitabira amatora kandi bakayatsinda.

Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa, yaratumiye indorerezi z’abanyamahanga gukwirikirana amatora, harimwo abaserukira umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, n’umuryango w’ibihugu bigizwe ahanini n’ivyahoze bikoronijwe n’Abongereza, Commonwealth.

Abakandida uko ari babiri, Emmerson Mnangagwa na Neslon Chamisa, bemeye gusubira kunagura ubutunzi bw’igihugu mu gikorwa cabo c’ukwiyamamaza. Ubutunzi bw’igihugu ca Zimbabwe bugeze habi ku ntwaro ya Robert Mugabe.