Imikino yo Guhiganira Igikombe c'Isi Yose Iratanguye

Urukino rwa mbere ruriko ruhuza Uburusiya  na Arabiya Saudite.

Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’uyu mwaka w’i 2018 gihejeje gutangura mu kanya mu gihugu c’Uburusiya.

Urukino rwa mbvere rukino ruriko rubera mu kibuga c’umupira w’amaguru ca Luzhniki ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou ruriko ruhuza Uburusiya na Arabiya Saoudite

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yaroreye ibirori vy’ukwugurura igikombe c’isi yose c’uyu mwaka mu gihugu ciwe, aho yashikirije ijambo. N’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA, Gianni Infantino nawe nyene yashikirije eijambo ry’ukwugurura igikombe c’isi yose c’uyu mwaka.

Uburusiya bwakoresheje imiliyarido 13 y’amadolari kugira cakire igikombe c’isi yose. Inkino z’ico gikonbe zizobera mu bisagara 11.

Urukino rwa nyuma rw’iki gikombe c’isi yose ruzoba kw’italiki 15 z’ukwezi kw’indwi.

Ibihugu vay Brezil, Ubufransa, Espanye na Argentina n’Ubudagi buheruka, bwatsindiye igikombe c’isi yose giheruka mu mwaka w’i 2014 mu gihugu ca Brezil, biri mu bihugu bibonwa ko arivyo bifise amahirwe menshi y’ugutsinda igikombe c’isi yose c’uyu mwaka. Tubibutse ko imirwi nserukiragihugu 32 ariyo izohiganwa muri iki gikombe.

Vyitezwe ko bakunzi b’umupira w’amaguru bagera ku muliyoni bazoza mu Burusiya mu ndwi nkeyi ziri imbere kurorera igikombe c’isi yose. Yamara hari impungenge ku rwanko n’ibangura bifatiye ku rukoba rw’umubiri ku vyerekeye umupira w’amaguru mu Burusiya.