Imigenderanire y'Ububirigi na Kongo Yoba Igiye Kunaguka?

Perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo Félix Tshisekedi kuri uno wa mbere aritezwe mu rugendo rw’umunsi umwe mu Bubirigi.

Umushikirangani ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders yavuze ko urugendo rwa Perezida Tshisekedi rugamije gusanasana imigenderanire yatosekaye hagati y’Ububirigi na kongo kuva mu 2015 igihe Perezida Joseph Kabila yahoze arongoye Kongo yashaka kwitoreza manda ya gatatu.

Didier Reynders yabwiye ikinyamakuru c’Ababirigi La Libre Belgique ati " Twempi turazi ko ibihugu vyacu vyaciye muri vyinshi bibitandukanya ku ntwaro ya Kabila. Tuzogerageza dusanasane imigenderanire twongere dutosore icuka ata guhurudukisha ibintu.»

Ku ruhande rwiwe, Perezida Tshisekedi avuga ko ari urugendo yizera ko ruzotuma Ububirigi bwongera gufasha Kongo na cane cane mu vya gisirikare, ivy’ubuvuzi n’inyigisho.

Ku rutonde rw’ivyo Perezida Tshisekedi ategekanya mu rugendo rwiwe harimwo ukubonana n’abagwizatunga bakorera mu gisata co kudandaza amabuye y’agaciro ya « Diyama », ukubonana na Jean-Claude Juncker yahoze arongoye umuryango w’ubumwe bwa Bulaya n’ukugendera uturere tuvugwamwo igifaransa n’igiflama.

Mu bitegekanijwe harimwo kandi ugusangira ifunguro ya sasita ejo ku wa kabiri n’umuryango w’umwami w’Ububirigi ku kirimba ciwe.

Ububirigi ni co gihugu ca mbere co ku mugabane wa Bulaya Perezida Tshisekedi agendeye kuva yimitswe nka Perezida wa Kongo. Amerika yarayigendeye mu kwa kane aho yakiriwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire Mike Pompeo.