Imigenderanire Hagati y'Ubushinwa n'Amerika Yoba Igiye Kunaguka?

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika Mark Esper

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika atangaza ko azogendera Ubushinwa muri uyu mwaka. Mark Esper yamenyesheje ko urwo rugendo ruzoba rwerekeye uko habaho ibiganiro mu gihe hari ibibazo biri hagati y’ibihugu vyompi.

Ni mu gihe Amerika yafashe ingingo zikomeye ku bijanye n’uruhara rw’Ubushinwa mu karere karimwo amatati mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’ico gihugu. Esper avuga ko yavuganye incuro zitari nke n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubushinwa.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Amerika, Mike Pompeo, yatangaje ko bazobona imigambi y’Ubushinwa yerekeye amatungo kama ico gihugu kiriko bukwirikirana mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bwayo iciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Umushikiranganji w’Amerika ajejwe kwivuna abansi asanga ata burenganzira Ubushinwa bufise bw’ukwiharira amatungo ari mu mazi mpuzamakungu, ariko ko ata ntambara bariko barondera na bwo.