Abanyagihugu bo mu ntara zegereye imipaka Uburundi buhana n'u Rwanda, cane cane ababeshejweho n'ubucuruzi basaba abategetsi b'ivyo bihugu ko imvugo yabo yo kunagura imigenderanire yojana n'ingiro.
Amajambo abacuruzi bo ku mipaka yo mu buraruko bw’Uburundi bipfuza ko yoshirwa mu ngiro ni ayashikirijwe na Perezida w’u Rwanda Paul Kagame n’ayatangajwe na Albert Shingiro umushikiranganji w’imigenderanire y'Uburundi n’amakungu.
Perezida Kagame aherutse gutangaza ko igihugu arongoye gifise ubushake bwo kunagura imigenderanire imaze imisi yaratosekaye. Shingiro nawe yavuze ko ubushikiranganji aramutswa mu Burundi bugiye gusubiza Uburundi kw’ikarata y’imigenderanire. Ni ko kumenyesha ko azihutira kunagura iyo migenderanire mu karere no mu makungu, hari inyuma y’ibisikanya n’uwahora atwara ubwo bushikiranganji ku ntwaro ya Petero Nkurunziza.
Ni amajambo yatanze umwizero ku bacuruzi bo mu ntara zegereye imipaka ivyo bihugu bibiri bihana. Mu ntara ya Kayanza hakomeye ubucuruzi bw’ibirayi, bavuga ko bahoze bashimisha ababagana mu kubaha ubwoko butandukanye bw’ico kiribwa.
Umwe muri bo yarungikiye ubutumwa Ijwi ry’Amerika avuga ko bashimisha abaguzi mu kubaha ibirayi bizimbutse. Agira ati: « Ivyo vyashoboka kubera bicagurira hagati y’ibirayi twiyimburira mu Burundi n’ibindi twarangura mu gihugu c’u Rwanda bita Ruhengeri. » Arongera akavuga ko ibirayi vyagumye biduga ibeyi kuva aho bitagishobokeye abacuruzi kubirangura mu gihugu c’u Rwanda.
Imyitwarariko ni nk'iyo mu ntara ya Kirundo. Kuva mu mwaka wa 2015, amayira yo mu mazi yorohereza ubucuruzi bubayabaye yarugawe, abahora bakora umwuga wo gusoza abantu n’ibintu mu biyaga vya Rweru na Cohoha baratakaza ubuzi.
Aha twobibutsa ko mu myaka itanu iheze habaye imyidogo idasanzwe no mu ntara za Cibitoke na Rumonge. Muri izo ntara, abarimyi bahora bashorera mu Rwanda umusesekara w’ivyamwa (mu Rumonge) n’itomati (mu Cibitoke) barabuze isoko yagutse, vyanduruka bibaborerako.
Si abacuruzi gusa bakira neza ukwo gushaka kw’abategetsi b’Uburundi n’u Rwanda. Imwe mu miryango yunze ubumwe ku mpande zose z’ivyo bihugu imaze gutangariza iradiyo yanyu ko icizere co gusubira kubonana n’ababo ciyongereye.
Abo banyagihugu bipfuza ahanini ko ivyavuzwe n’abategetsi b’Uburundi n’u Rwanda vyova mu majambo bikaja mu bikorwa. Bati, nta nkeka vyoshoboka habaye ikiganiro hagati y’abategetsi b’ivyo bihugu, kw’isonga hakaza abakuru bavyo ari bo Varisito Ndayishimiye ku ruhande rw’Uburundi na Paul Kagame ku ruhande rw’u Rwanda