Igitero c'Intagondwa Cishe Abantu 13 muri Kameruni

Igipolisi ca Kameruni catangaje ko igitero c'intagondwa cishe abantu 13 mu buraruko bw’igihugu. Abo basivile uko ari 13, barimwo abana 8 bapfuye uno musi ku wa gatanu, igihe umwiyahuzi w’umugore yituritsa na bombe mu gitero cakozwe ku mihana iri muri ako karere.

Mahamat Chetima Abba, umuyobozi kavukire w’imihana y’ahitwa Mozogo avuga abagize ico gitero bahashitse mu gicugu basemerera amajabo, “Allah Akbar” ni ukuvuga Imana ni yo nkuru. Bari bitwaje imipanga.

Ababa muri iyo mihana bari batekewe n’ubwobaa bahungiye mw’ishamba riri hafi yahoo. Igihe bariko bayanyaaga niho uwo mwiyahuzi yaturitsa bombe.

Ico gitero cagirijwe umurwi Boko Haram. Chetima Abba avuga ako abarwanyi b’uwo murwi binjiye mu banyagihugu. Yamara asigura ko ata buryo bagifise bw’ugukora ibitero vy’ikivunga bakoresheje inkoho.