Igisirikare c'Amerika Kirisigura ku Gikorwa co Kuva muri Afuganistani

Jenerali Mark Milley atrwa ingabo z’Amerika

Bamwe mu ntwazangabo nkuru mu gisirikare c'Amerika uno musi barisigura, ku gikorwa co kuvana ingabo z'Amerika muri Afuganistani. Abaza kurenguka imbere y’umurwi w’inama nkenguzamateka y’Amerika ujejwe ibibazo vya gisirikare uno musi n’ejo ku wa gatatu ni: Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Lloyd Austin, uwutwara ingabo z’Amerika Jenerali Mark Milley na Jenerali Kenneth McKenzie atwara ibiro bikuru vya gisirikare.

Ibibazo baza kubazwa biza kuba birimwo akajagari n’umutekano muke vyaranze indwi za nyuma zo kuva muri Afuganistani, ibikorwa nyezina vyo kuvana muri ico gihugu abasirikare bari bamazemwo imyaka 20, n’umukenyuro wa kazoza mu gutuza iterabwoba.

Ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika, Pentagon, kuva ingabo z’Amerika zitahuka, vyamye bivuga ko ari ingingo nziza yari ikwiriye kandi yaje hageze. Hari yamara impande zirimwo na bamwe mu bashingamateka b’Amerika batigeze bashigikira iki gikorwa, bavuze ko cihutishijwe.

Abatagishigikiye bakomeje kwumvikana bagaruka ku mutekano muke wari ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Kabul, abasirikare ba nyuma batahuka, abanyagihugu nabo bagerageza kurira ku nguvu indege zatahana abasirikare n'abadiplomate. Bombe abiyahuzi bateye kuri ico kibuga ihitana abasirikare b’Amerika 13, n’abanyafuganistani 169 nayo nyene iri mu turorero dutangwa tw'ibitagenze neza mu bikorwa vyo kuva muri Afuganistani.

Reta ya Joe Biden yo mu vyo yishimira, harimwo ko yashoboye guhungisha abanyagihugu bagera ku bihumbi 120 imbere yo kuvana abasirikare ba Amerika bose muri Afuganistani.