Ku munsi wa kabiri w’iyi ndwi, igice ca mbere c’Impunzi z’Abarundi zizotahukanwa zivuye mw’ikambi ya Nakivale iri mu Buganda. Ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryemereye Ijwi ry’Amerika ko abazotahukanwa barenga gato 200.
Igice ca mbere c’Abarundi bagera kuri 227, bagize imiryango 76 bavuye mw’ikambi ya Nakivale kuri uyu wa mungu, bajanwa I Kampala ku murwa mukuru w’Ubuganda kugira bapimwe ikiza c’umugera wa Covid-19 mu ntumbero yo gutahukanwa mu gihugu cabo kuri uyu wa kabiri. Kuri abo Barundi, akanyamuneza ni kose nk’uko bamwe muri bo babibwiye Ijwi rya Amerika.
Umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi ari I Nakivale mu gikorwa co gutahukana izo mpunzi yabwiye Ijwi rya Amerika ko imyiteguro yo gutahukana abo barundi igeze kure. Yemeza ko abagiye gutahukanwa ari abavyisabiye ku gushaka kw’abo. N’aho biri uko, hari abandi basigaye muri iyo kambi ya Nakivale bamenyesha ko hataragera ko bahitamwo gutaha kuko kuri bo, ico bahunze kitarahera. Bagiriza abo bagiye gusubira mu gihugu c’amavukiro ko batumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi.
Mu kwezi kw’8 guheze, ni ho hari habonetse impunzi zirenga 250, bashize umukono, amazina n’imyidondoro yabo ku rwandiko barungikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Bari bamusavye ko yovugana na HCR hamwe n’igihugu cabahaye indaro kugira batahukanwe. Ico gihe, Pierre Nkurikiye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano ari nabwo bwitaho impunzi yabwiye Ijwi rya Amerika ko umukuru w’igihugu yumvise akamo kabo.
Ishirahamwe HCR ryatangaje ko abazotahuka mu gice ca mbere n’ica kabiri bazotahukanwa n’indege. Umukozi wa HCR yemereye Ijwi rya Amerika ko bazotwarwa n’indege y’ubutabazi bita “Vol Humanitaire” kuva ku kibuga c’indege ca Entebbe mu Buganda. Igice kigira kabiri kizotahukanwa ku munsi wa kane w’iyi ndwi ata gihindutse ku nteguro ya HCR.
HCR ryerekana ko Ubuganda burimwo impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 48, ikambi ya Nakivale yonyene ikaba irimwo abarenga gato ibihumbi 41.