Leta y'Uburundi yaraye itangaje abantu 40 bashasha banduye umugera wa Corona. Ubu ibitigiri bitangwa n'abategetsi vyose hamwe vy'abanduye ni 144. Ni ibiharuro bitangajwe mu gihe hari imiryango itari mike ikomeje kwemeza ko abayo bahitanwa n'uwo mugera mugabo Leta ntibashire mu bishwe na wo.
Akarorero ka hafi ni ak'umupadiri wo mu ntara ya Rumonge yapfuye ku musi wa kabiri w'iyi ndwi. Ku maziko yiwe, abaroyeyo bose bategetswe kwikingira n'ubwo atigeze afatwa nk'uwahitanywe na Covid-19 kuko abo bakorana n'incuti bari bavyiboneye kwa muganga ko ari ico kiza camutwaye.
Hambavu y'uwo mupadiri, imiryango itari mike iremeza ko abantu bayo bagwara hakagira n’abahitanwa n’ikiza ca Corona ariko ntibashirwe mu bitigiri c’abagwaye canke bahitanywe naco. Kumusi wa gatatu w’iyi ndwi nk’urugero, umukenyezi yahora atwara igisata cigisha ibijanye n’amagara y’abantu kuri kaminuza y’abigenga y’i Ngozi mu buraruko bw’igihugu yitavye Imana ariko amanukanwa I Bujumbura inyuma y’imisi yaramaze ari ku musego.
Amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse ni uko yarafise ibimenyetso vy’umugera wa Corona kandi n’ibitaro yararungitsweko vyari vyamaze guhabwa amakuru ko vyakiriye umugwayi wa Covid-19. Aho I Ngozi nyene n’ubwo bitaremezwa n’abajejwe amagara y’abantu, abanyororo bane n’imiburiburi bo mw’ibohero rikuru ryaho barapfuye mu ndwi zibiri za mbere z’uku kwezi inyuma yo kubonekako ibimenyetso vy’ikiza ca Corona.
Haraheze igihe kuva u Burundi bwirukanye abakozi bakuru bakuru bane b’igista ca ONU citaho amagara y’abantu OMS harimwo uwarisekira muri ico gihugu Walter Kazadi Mulombo hagati mu kwezi kwa gatanu, abatari bake bavuga ko abategetsi b’Uburundi bafashe minenerwe ikiza ca Corona. Abo bakozi ba OMS naho ata mvo yo kubirukana yigeze itangwa na Leta vyavuzwe ko yabagirije kwivanga mw’itunganywa ry’ibikorwa vyo kugwanya Covid-19 na cane cane mu gushaka kuvuga ko hari ibitigiri vy’umurengera abajejwe amagara y’abantu bakabituvya kandi ko Leta idakora ibikwiriye kugira ituze iyo ngwara.
Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza
Your browser doesn’t support HTML5