Mu Burundi, Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, uhamagarira abariko bakora ibikorwa vy’iterambere ko mu gihe babonye ibinogo vyahambwemwo abantu mu kivunga babimenyesha.
Ako kamo gaterwa n’uwurongoye uwo murwi, muri kino gihe uriko uzura abantu bishwe bagahambwa mu kivunga muri zone ya Kamenge mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Your browser doesn’t support HTML5