Ibirere vyo muri Amerika Vyatewe n’Ivyotsi vy'Imiriro Yateye muri Canada

imyotsi y'imiriro mu kirere co mu gisagara ca Seeley Lake muri komine ya Missoula muri reta ya Montana

Ibirere vy’amareta agera kuri 15 yo muri Amerika bibangamiwe n’ivyotsi bibi vyatewe n’imiriro ya nyakanga yiyadukije mu mashamba yo mu buseruko bwa Canada ariko arasha.

Imiriro ya nyakanga irenga ijana yateye amashamba yo mu buseruko bwa Canada kuva kuri uno wa kabiri iriko itandukira ubumanuko bw’ico gihugu.

Mu mareta y’Amerika abangamiwe n’ivyotsi bibi vyatewe n’iyo micanwa, harimwo New York, Vermont, Carolina yo mu bumanuko, Ohio, Kansas n’ibindi bisagara vy’Amerika.

Igisata kijejwe ivy’ibirere muri Amerika cagabishije ko n’umurwa mukuru w’Amerika, hano I Washington, nawo uterwa n’ivyo vyotsi.

Abategetsi b’Amerika basavye abanyagihugu baba mu bisagara vyatewe n’ivyo vyotsi kuguma mu mazu yabo, abasohoka n’abafise ibibazo vyo guhema bakambara udufukamunwa.

Abajejwe igisata c’amagara y’abantu muri Amerika bagabishije nabo ko ivyo vyotsi bishobora gutuma amamiriyoni y’abantu bagira ibibazo vyo guhema nabi.

New York iri mu bisagara vyabangamiwe cane n’ivyotsi vy’amashamba ya Canada yahiye. Bimwe mu bizu binini vyahora biboneka cane no ku batavyegereye vyari vyatwikiriwe n’ivyotsi.

Amashure yuguruye, ariko ibikorwa vyinshi bibera hanze birimwo ibirori vy’abaheza amashure vyahagaritswe.

Canada irakunze kuvugwamwo imiriro yiyadukiza mu mashamba. Ariko iyadutse kuri ino ncuro irakaze gusumba iyahora yaduka ici rigitangura. Ivyotsi vyakwiragiye mu birere vy’intara zose za Canada uko ari cumi. Intara ya Quebec ni yo yabangamiwe gusumba izindi.

Mu kiringo c’imyaka 10, amahegitari arenga imiriyoni 3 ni yo amaze guturirwa n’imiriro ya nyakanga muri Canada. Abarenga ibihumbi 120 nabo bata izabo kubera iyo miriro. (REUTERS)