Ibikorwa vya Reta ya Amerika kuva mu bucagucagu bw’uno wa gatandatu vyahagaze. Ni inyuma yaho abashingamateka binaniranye ko bumvikana ku mafaranga Reta yo koresha mu mugambi wa Perezida Donald Trump wo kubaka uruhome rugabura urubibe Amerika ihana na Mexique.
Mu nteguro y’itegeko ritegekanya amafaranga Reta izokoresha Abarepublikani basaba imiliyaridi 5 z’amadolari agenewe uwo mugambi, Abademokrate nabo bakemera gutanga umuliyaridi n’imiliyoni amajana atatu ku bijanye n’umutekano kuri urwo rubibe.
Abakozi ba Reta bagera ku 800.000 ni bo muri rusangi vyitwa ko babaye baraja mu gashomeri mu kurindira ko impande zose zumvikana.
Kuri uno wa gatandatu ibiganiro vyabandanije naho Perezida Trump asa n’uwananye. Ejo yavuze ko Abademokrate bakaramuka banse kwemeza ayo mafaranga Reta ishobora guhagarika gukora umwanya muremure.
Ibisata bikorwako n’ihagarikwa ry’imirimo ya Reta birimwo ubushikiranganji bw’umutekano wo hagati mu gihugu, ubutungane, ubudandaji, ukwunguruza abantu n’ibintu, n’ubw’ikigega ca Reta kibarizwamwo ibijanye n’ibibanza vy’amaratiro bigenderwa cane minsi mikuru iheza umwaka.
Ibikorwa vya Reta bimaze guhagarara incuro zitatu muri uno mwaka. Mu kwezi kwa mbere vyahagaze kabiri mu kiringo c’imisi itatu, mu kwa kabiri naho bihagararara amasaha make binaniranye ko abashingamateka bumvikana ku kibazo c’abimukira.