Ishirahamwe ry'ukwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, OTAN, ririteguriye ibindi biganiro n'Uburusiya naho hari ivyo izo mpande zibiri zitumvikanako.
Abategetsi b’ishirahamwe, OTAN, n’ab’Uburusiya baraganiriye ibintu bikomeye batumvikanako mu nama ya mbere yabahuje mu kiringo kirenga imyaka ibiri. Ni mu gihe bariko bagerageza guhwamika icuka kibi kiri hagati y’izo mpande zibiri ku bijanye n’ingingo y’Uburusiya y’ugukoraniriza inteko zayo hafi y’urubibe n’igihugu ca Ukraine.
Umutegetsi akomeye w’ishirahamwe OTAN ni we yatangaje iyo nkuru uno musi ku wa gatatu. Nta yindi taliki izo mpande zompi zategekanije. Umunyamabanga wa OTAN, Jens Stoltenberg, yatangaje ko ishirahamwe ayoboye ryiteguriye gususubira guhura n’abategetsi b’Uburusiya, ko yamara Uburusiya butiteguriye kwiyemeza ku kirangamisi cayo.
Stoltendberg avuga ko ibiganiro izo mpande zompi zagiranye bitari vyoroshe. Yamara amenyesha ako ari co gituma inama yabaye hagati y’izo mpande yari ikenewe cane. Amenyesha ko ishirahamwe OTAN rishaka ko Uburusiya buhwamika imishamirano ku bijanye na Ukraine.
Nta ntambwe zashitsweko kuri kimwe mu bintu bikomeye bisabwa n’abategetsi b’Uburusiya c’uko ishirahamwe OTAN rihagarika kwemerera abanywanyi bashasha.
Stoltenberg avuga ko ishirahamwe OTAN n’ibihugu bishaka kuryinjiramwo ari vyo vyonyene bishobora gufata ingingo ku bihugu vyoryemererwamwo. Amenyesha ko ata bubasha Uburusiya bufise bw’ukurekurira canke kutarekurira Ukraine kuryinjiramwo. (AFP)