Ibiganiro vya Mbere Hagati ya USA n'Abatalibani Kuva Bafata Ubutegetsi

Bamwe mu Batalibani Bitabiriye Ibiganiro n'Amerika

Abatalibani batangaje ko Reta Zunze Ubumwe z’Amerika igiye guha imfashanyo Abanyafuganistani. Reta y’Amerika yemeye guha imfashanyo imiryango y’Abanyafuganistani ikenye, muri iki gihe ubutunzi bw’ico gihugu bwifashe nabi, naho yanse kwemera ubutegetsi bushasha bw’Abatalibani.

Ayo makuru yashizwe ahabona mw’itangazo ryo gusozera ibiganiro vya mbere bibaye amaso mu yandi hagati y’Abatalibani n’abaserukira reta y’Amerika. Ni ibiganiro vya mbere bibaye kuva abasirikare b’Amerika bavuye muri Afuganisitani giturumbuka. Abatalebani bavuze ko ivyo biganiro vyabereye i Doha muri Qatari vyagenze neza.

Reta y’Amerika yemeye kurekura imfashanyo yagenewe Abanyafuganistani, yongera iragaragaza ko iyo mfashanyo itavuga ko Amerika yemeye ubutegetsi bw’Abatalibani. Umuvugizi w’ubushikirangaji bw’Amerika bujejwe imigenderanire, Ned Price, yavuze ko abari muri ivyo biganiro bayaze badahishanya kandi mu buryo bwubahiriza amabanga bajejwe. Reta y’Amerika yavuze ko izorabira Abatalibani ku vyokora, itazobarabira ku vyo bavuga.