HCR Yemeza ko Abarundi Basubiye Guhunga ari Benshi

Impunzi z'Abarundi ziri kuri stade yitiriwe ikiyaga Tanganyika, i Kigoma mu burengero bwa Tanzaniya. Kw'Itariki 19/05/2015.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi kw'isi ryatangaje ko mu mezi abiri ya mbere y’uyu mwaka w'2020 (mu kwa mbere no mu kwa kabiri), Abarundi basubiye guhunga ari benshi.

Igihugu c’Ubuganda ni co cakiriye benshi, abarenga gato 1000, hakurikira RDC ahahungiye Abarundi bagera ku 840, hanyuma u Rwanda rwahaye indaro abagera ku 479 bahatse ubuhungiro.

Raporo ya HCR ivuga ko kuva uyu mwaka utangura ata Murundi araja gusaba ubuhungiro muri Tanzaniya ngo yakirwe n’aho ari co gihugu gifise impunzi z’Abarundi nyinshi zahunze mu myaka iheze.

Abo hafi 2400 bahunze mu ntango z’uyu mwaka biyongera ku bandi barenga 11.250 bahunze mu mwaka uheze w’2019. N’aho nyene igihugu cakiriye benshi n’Ubuganda hahungiyeyo abarenga gato 5800.

HCR ivuga ko ubu impunzi z’Abarundi zihurumbira gusaba ubuhungiro mu Buganda no mu Rwanda kuko ari ho bakirwa neza kurusha ahandi, umutekano wabo ugakingirwa bikwiye, abana bavuka bakandikwa mu bitabo vya reta ndetse n’abashaka kubaka izabo bakoroherezwa.

HCR rimenyesha ko abo Barundi bahunga umutekano muke, cane cane muri iyi minsi hegereje amatora yo mu kwezi kwa gatanu kuza.

Bamwe mu babakiriwe mw’ikambi ya Nakivale mu Buganda baganiriye n'Ijwi ry'Amerika nka bose n’abo mu mugambwe CNL utavuga rumwe na Reta urongowe na Agathon Rwasa.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uturukamwo urwo rwaruka rw’Imbonerakure, impunzi zivuga ko rwazomoye, wowo urahakana ivyo wagirizwa.

Mu kiganiro co kuraba uko icuka ca poritike cifashe imbere y’amatora, Nancy Ninette Mutoni avugira uwo mugambwe yemeje ko abanywanyi bawo atawe basotora.

HCR mu cegeranyo cayo yavuze ko ifise amakenga ko muri iki gihe hugawe imipaka kubera ikiza ca Corona, hari abatinyira umutekano wabo bazohava babura aho baca mu guhunga.

Gushika ubu, haharurwa impunzi z’Abarundi zirenga 336.000 zikiri mu buhungiro. Tanzaniya ni co gihugu kirimwo benshi, abarenga gato ibihumbi 168.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

HCR Yemeza ko Abarundi Basubiye Guhunga ari Benshi