Gahunda ya Guma mu Rugo Yari Imaze Amezi 3 mu Butaliyano Yaheze

Mu Butaliyano, abanyagihugu bashoboye gutembera hanze y’ingo zabo n’ukugendera incuti uno musi ku wa mbere mu bubaye ubwa mbere mu kiringo c’indwi icenda bari bamaze badasohoka.

Ubutaliyano buri mu bihugu vyari vyarasinzikajwe kurusha ibindi bihugu vy’i Bulaya n’ikiza c’umugera wa Corona kiriko corosha ingingo cari cafashe z’ukuziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo. Izo ngingo nizo zamaze igihe kirekire cane kurusha mu bindi bice vyo kw’isi.

Abantu barenga imiliyoni 4, hafi y’ibice 72 kw’ijana vyabo abagabo, basubiye mu bibanza vy’ukwubaka no mu mahinguriro. Ni mu gihe imirimo mu gihugu casinzikaye mu vy’ubutunzi iriko igerageza gusubira kubandanya.

Uburiro bwasubiye kwugurura ku bashaka gutwara ibifungurwa. Yamara ubunywero buracugaye. Reta isaba abanyagihugu kudakoresha uburyo bw’ukwiyunguruza butari ubwo ku giti cabo. Abanyagihugu basabwa kandi kwambara udukingirizo ku munwa mu bibanza abantu bakoraniramwo.

Ubutaliyano bwabaye igihugu ca mbere co mu burengero bw’isi cugaye imirimo nka yose kubera ikiza c’umugera wa Corona kimaze guhitana abantu bazwi icese 28.884. Ni igitigiri kinini cane c’abantu bahitanywe n’ico kiza mu karere k’i Bulaya.

Ibice vyasinzikaye kurusha ibindi ni ibiri mu buraruko bw’igihugu. Ingingo y’ukuziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo mu gihugu cose yafashwe kw’italiki 9 y’ukwezi kwa gatatu.