Itohoza kw'Igandagurwa mu Burundi ry'Umufaransakazi Agnes Bury

Mu Burundi, abaporisi b'Abafaransa baratanguye itohoza ku rupfu rw'Umufaransakazi Agnes Bury, yagandaguriwe mu ntara ya Ruyigi, mu Burundi, mu mpera z'umwaka w'i 207.

Abaporisi b'Abafaransa bari mu Burundi kugira itohoza kw'igandagurwa ry'umufaransakazi Agnes Bury. Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 15 z’ukwezi kw’icenda, mu ntara ya Ruyigi, m’ubuseruko bw'Uburundi, abaporisi b'Abafaransa batanguye amatohoza ajanye n'urupfu rw'Umufaransakazi Agnes Bury, yagandaguwe mu mpera z'umwaka w'i 207. Mu bantu mirongo itatu babajwe, harimwo umushikiranganji ajejwe ubutare n'agataka, Moise Bucumi, yahoze ari buramatari w'intara ya Ruyigi, n'umupfasoni Margueritte Barankitse atwara ishirahamwe "Maison Shalom" rifasha abana b'impfuvyi.

Abo baporisi b'Abafaransa barikumwe n'abashikirizamanza b'Abarundi, babanje kugendera ikibanza Agnes Bury yarasiwemwo, imbere yo kubaza abari bahamagawe ngo bumvirizwe. Mur'ico kibanza bahasanze abantu batatu harimwo uwahoze ari umusirikare. Abo bantu bari bafise ibigwanisho biturika, bimwe bita "grenades", ariko abaporisi b'Abarundi baciye bahashika hakiri kare, baca barafata abo bantu bari bitwaje ibigwanisho, baja kubabaza ibibazo.

Umuntu wa mbere yumvirijwe, yamaze amasaha arenga abiri yishira ku bibazo abamenyeshamakuru batashoboye kumenya neza, kuko igikorwa carangurwa mu mwiherero. Agnes Bury yagandaguwe kw'igenekerezo rya 31 ukwezi kwa cumi na kabiri umwaka w'i 2007. Ico gihe yakorera ishirahamwe ry'Abafaransa ryitwa "Action Contre la Faim" mu rurimi gw’igifaransa, ryafasha abanyagihugu babangamiwe n'inzara. Abantu bafashwe bagirizwa urupfu rw'uwo mufaransakazi bararekuwe, ariko reta y'Ubufaransa yabandanije isaba ko abakoze ubwo bwicanyi baronderwa, bagafatwa, bagahanwa hisunzwe amategeko.

Abo baporisi b'Abafaransa banonosoye ivyerekeye amatohoza, bariko bakorera mu ntara ya Ruyigi, kuva kw’igenekerezo rya 15 ry’uku kwezi kw’icenda, bavuga ko bagiye gushira ahabona imvo n’imvano z'ubwo bwicanyi.