Kuva kuri uyu wa gatatu no kuri uyu wa kane, i Paris mu Bufaransa hariko harabera inama igira 110 y’urwego nyobozi rw’umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, Organisation Internationale de la Francophonie.
Umunyamabanga mukuru w’uyo muryango, Umunyarwanda Louise Mushikiwabo yavugiye ku rubuga rwa Twitter ko inama yatanguye neza kandi ko hitavye ibihugu vyose. Iriko iraba hakoreshejwe ubuhinga bwa none bw’amasanamu, visioconference kubera ikiza c’umugera wa Korona.
Louise Mushikiwabo yemeje kandi ko abitavye iyo nama bafunditse ko ibihano vyari vyafatiwe Uburundi n’uwo muryango mu mwaka w’i 2016 vyakuweho.
Ni ibihano vyari vyerekeye imigenderanire y’umuryango wa Francophonie n’Uburundi, ugufasha Uburundi mu migambi y’iterambere cane cane iyerekeye urwaruka n’imico kama, guhagarika uturusho canke amahirwe (Bourses mu gifaransa) vyatangwa n’uwo muryango ku Barundi baja kwiga hanze n’ugushirwa ku rutonde rw’ibihugu bigoyagoya mu kubahiriza agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye.
Kubera ivyo bihano, Uburundi bwari nk’indorerezi muri Francophonie aho kuba umunywanyi yuzuye. Umuryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa wari wafashe ivyo bihano inyuma y’imvururu zadutse mu mwaka w’2015 bitumwe n’ugushaka kwitoreza ikindi kiringo kuri Nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza.
Ubu, uwo muryango uvuga ko hariho utwigoro tuboneka two gukemura ibibazo no kwisunga umurongo ngenderwako wa Francophonie, ari co gituma, ibihano vyakuweho. Uburundi burashima iyo ntambwe. Ambassadeur Ernest Niyokindi, aserukira Uburundi mu Bufaransa, Espagne na Portugal yemeje ko ari intambwe ikomeye mu kunagura imigenderanire y’igihugu ciwe n’amakungu.
Ernest Niyokindi anaserukira igihugu ciwe muri Francophonie yari yasavye muri iyo nama ko ivyo bihano vyokurwaho kuko ibihe vyahindutse. Mw’ijambo ryiwe VOA ifitiye ikopi, amenyesha ko umukuru w’igihugu mushasha yazanye ingendo nshasha yo gukorana neza n’amakungu, ko rero bitokunda mu gihe Uburundi bukiremerewe n’ivyo bihano.
Nta ndwi zibiri zari bwahere, Perezida Evariste Ndayishimiye, atumye intumwa idasanzwe ya Amerika mu Karere k’ibiyaga binini John Peter Pham kubwira Amerika ko yofasha Uburundi kumvisha amakungu ko hari ingendo nshasha, ko ibihano bwafatiwe vyokurwayo.
Uburundi bwizeye ko n’ivyo bindi bihano Amerika n’Ubumwe bwa Bulaya vyafatiye igihugu hamwe n’abategetsi bamwe bamwe bari muri Reta nk’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni n’umushikiranganji w’umutekano n’intwaro yo hagati bizokurwaho.
Yamara, hari ababona ko n’aho ibihano vyafatiwe Uburundi n’amakungu vyatanguye gukurwaho, icatumye bifatwa nk’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kitarahera. Abo ni nk’amashirahamwe akingira ako gateka ka zina muntu n’ubu badasiba gusohora amaraporo y’abishwe, abanyurujwe n’abafungiwe ubusa.