Etiyopiya: Reta Ivuga ko ari yo Yirukanye Inteko za TPLF

Billene Seyoum avugira Reta ya Etiyopiya

Igisirikare ca Etiyopiya kimenyesha ko kiriko kiratuza inteko zo mu ntara ya Tigreya mu ntara zibiri zo mu buraruko bw'igihugu. Umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya, Billene Seyoum, ni we yatangaje iyo nkuru uno musi ku wa kabiri. Yiyamirije ivyatangajwe n’umuhari, “Tigray People’s Liberatiton Front”, TPLF, mu mpfunyapfunyo wo mu ntara ya Tigreya ko wavuye ku gushaka kwawo mu ntara za Amhara na Afar ziri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Amenyesha ko vyatewe n’intsinzi zikomeye z’igisirikare ca reta ku nteko z’umuhari TPLF. Avuga ko mu ndwi zirangiye, inteko za reta zifatanije n’inteko zo mu ntara za Amhara na Afar zagize intambwe zikomeye mu gutuza inteko z’umuhari TPLF mu bisagara bitari bike vyo muri izo ntara zibiri. Amenyesha ko bariko baraheraheza igikorwa cabo ca nyuma c’ukuzituza burundu.

Umuhari TPLF wari watangaje ku musi wa mbere ko inteko zawo zavuye muri izo ntara mu ntumbero y’ugutuma amahoro agaruka mu gihugu. Wandikiye ikete ishirahamwe ONU usaba ko ibintu bitari bike vyotegerezwa kwubahirizwa. Ingwano imaze amezi 13 muri Etiyopiya yarahungabanije akarere kari gasanzwe karimwo umutekano muke. Yatumye abantu 60.000 bahungira muri Sudani mu gihe inteko z’igihugu kibanyi ca Eritreya cayigizemwo uruhara. (Reuters)