Ubushikiranganji bujejwe umutekano mu Burundi buvuga ko ico gihugu kiri ku rutonde rw'ibibangamiwe n'iterabwoba. Bubitangaza bufatiye ku bitero vy'ama grenades vyahitanye abantu babiri mw'ijoro ryo kuri uyu wa mbere abagera kuri 104 barakomereka.
Ayo ma grenade yaturikiye yose muri komine Mukaza hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura, umurwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi. Hari igihe c’isaha zibiri zirenga nk’umunota umwe. Bamwe mu bari ku gituro c’ama bus yunguruza abantu n’ibintu ahagarara ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura babwiye Ijwi ry’Amerika ko vyari biteye ubwoba cane.
“Numvise ibiturika incuro zitatu. Vyari biteye ubwoba, abantu biruka bava ku ma bus batagira iyo baja”, ni ko umugabo akorera kw’ibarabara ryitiriwe Amitie yabwiye Ijwi ry'Amerika.
Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa kabiri rigasomwa kuri radiyo na tereviziyo vya Reta RTNB, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano yemeje ko abantu babiri ari bo bahitanywe n’ivyo bitero. Pierre Nkurikiye yatangaje ko ivyakozwe ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ari iterabwoba nk’irindi.
Abenshi mu bakomerekejwe n’ayo ma grenade bajanywe ku bitaro vya Prince Regent Charles biri hagati muri Bujumbura biriko abaganga b’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF. Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yagiye kubagarukirako yizeza ko Reta izoriha ibijanye n’ukwivuza vyose n’uko abateye babwirizwa gufatwa bagahanwa.
Bunyoni arongoye Reta y’Uburundi yanemeje ko inzego z’umutekano zahawe amabwiriza ahagije kugira zikingire abanyagihugu. Ku mbuga ngurukanabumenyi, amashirahamwe yigenga yaba ayari hagati mu gihugu n’ayakorera hanze yafuswe na Reta biyamirije ibi bitero bashimangira ko” ata muntu n’umwe yoshigikira ibitero bikorwa ku banyagihugu b’inzirakarengane bitekaniye”.
Umwe muri bo Gerard Hakizimana atwara ishirahamwe Folucon F rikorera mu ntara zose z’igihugu yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Abarundi bakwiye gutahura ko ata kintu na kimwe cosigura ubugizi bwa nabi.
Kuwa 25 ukwezi kwa gatanu uyu mwaka, ama grenade yatewe ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura nyene kuri ico gituro c’ama bus gikuru, hagati y’ama zones ya Buyenzi no kw’isoko y’ahitwa kuri Cotebu mu buraruko yahitanye abantu batari musi ya bane yongera akomeretsa abarenga 80