DRC: Ibitaro Vyarengewe n'Abakomerekeye mu Myiyerekano Yiyamiriza ONU

Bamwe mu bari mu myiyerekano muri DRC

Ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare kw’isi, Croix Rouge, ritewe impungenge n’ibitigiri vy’abakomerekeye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ishirahamwe mpuzamakungu ONU bibandanya kwiyongera muri Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Croix Rouge yemeza ko ibitaro vyo mu ntara ya Kivu ya Ruguru vyarengewe n’abavyitura bakomerekeye muri iyo myiyerekano. Iryo shirahamwe ritanga akarorero ko nko mu bitaro bimwe biri i Beni n’ahitwa Ndosho i Goma, hagwariye abarenga 120. Kuri ivyo bitaro vy’i Beni, hari ibitanda 43 gusa nkuko Croix Rouge ibandanya ibivuga.

Ibitigiri vy’abakomeretse vyiyongereye cane mu ntango z’indwi iheze imyiyerekano imaze gukazwa mu bisagara bitandukanye vyo muri Kivu ya Ruguru. Ahakomerekeye benshi ni i Beni, Butembo na Goma.

Abanyagihugu biyerekanye biyamiriza ONU bagiriza ko inteko zayo za Monusco zananiwe no gukingira ababandanya kwicwa n’imihari yitwaje ibirwanisho muri ako karere. Abamaze kumenyekana ko baguye muri iyo myiyerekano yatanguye mu ntango z’ukwezi kwa kane barenga cumi.