DRC: Abagera kuri 60 mw'Ikambi ya Savo Baguye mu Gitero c'Abarwanyi

Abantu bashika 60 baguye mu gitero cakozwe n’umurwi witwaje ibigwanisho kw’ikampi ya Savo, iri mu ntara ya Ituri, mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Kongo.

Iyo kampi icumbitswemwo n’abateshejwe izabo n’intambara iri hafi y’ibiro bijejwe kwitaho imbabare muri ako karere. Abiboneye ico gitero babwiye itorokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ko abarwanyi bo mu murwi CODECO ari bo bakoze ubwo bwicanyi.

Uyo murwi warishe abasirikare amajana n’amajana mu ntara ya Ituri muri aya mezi aheze, wongera utuma abandi ibihumbi n’ibihumbi bata izabo, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu.

Ikampi ya Savo yari ihaye indaro abantu 4000 bataye izabo mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Abarwanyi bo mu murwi CODECO, ahanini bava mu barimyi bo mu bwoko bw’aba Lendu, bamaze igihe batana mu mitwe n’aborozi bo mu bwoko bw’aba Hema.