Danemark yakuyeho uno musi ku wa gatatu ingingo yabuza abagira ingendo baturutse mu bihugu 10 vyo muri Afrika yo mu bumanuko kuza ku butaka bwayo bivuye ku bwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 bwa Omicron.
Ico gihugu cari cafashe iyo ngingo mu ntumbero y’uguhagarika ikwiragira rw’ubwo bwa Omicron. Ibihugu 10 vyo muri Afrika yo mu bumanuko vyari vyafatiwe iyo ngingo ni Afrika y’epfo, Lesotho, Eswatini, Mozambike, Zimbabwe, Botswana, Namibiya, Angola, Malawi na Zambia.
Yamara abagira ingendo baturutse muri ivyo bihugu bazotegerezwa gupimwa n’ugukumirwa igihe bazoba binjiye ku butaka bwa Danemark. Ivyo bibaye inyuma yuko ibihugu vy'i Bulaya bitangaje ko ingingo vyafashe y'ukubuza abagira ingendo baturutse muri ivyo bihugu vyo muri Afrika yo mu bumanuko kuza ku butaka bwavyo bivuye ku bwoko bw'umugera wa Covid-19 bwa Omicron itariko irashika ku co yari yashiriweho.
Yamara naho ari uko, bimwe muri ivyo bihugu biracariko biragonanwa ku vyerekeye gukuraho iyo ngingo vyari vyafashe mu mpera z’ukwezi kw’icumi na rimwe. Kubera ubwoko bw’umugera wa Covid-19 bwa Omicron buriko burakwiragira mu bindi bihugu bitari bike vyo kw’isi, harimwo ibihugu vy’i Bulaya, vyaragize ingaruka ku mpamvu zari zatumye ingingo yo mu mpera z’ukwezi kw’icumi na rimwe ifatwa. Igihugu ca Afrika y’epfo cararemeye bikomeye ivyo bihugu kugira bikureho ingingo vyafashe. (Reuters)