Covid-19: USA Yemeje ko Urucanco rwa Pfizer Ata Kanenge Rufise

Ahakorera igisata ca Reta kijejwe kugenzura imiti n’ibiribwa muri Amerika, FDA.

Igisata ca Reta kijejwe kugenzura imiti n’ibiribwa muri Amerika, FDA, cemeje burundu urucanco rwa virusi ya Corona rwakozwe na sosiyete ya Pfizer.

Mw’itangazo ico gisata casohoye kuri uno wa mbere, cavuze ko bidasubirwako, urucanco rukinga virusi ya Corona rwakozwe na sosiyete nyamerika, Pfizer-BioTech, rwujuje ivya ngombwa vyose kandi ata kanenge na gato rufise. Iyo sosiyete yabwiye abantu muri rusangi ko borukoresha ata makenga.

Urucanco rukinga umugera utera virusi ya Corona rwakozwe na Pfizer, rwari rwemejwe vy’imfata kibanza mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uheze. Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, amadoze arenga imiriyoni 200 ni yo amaze gutangwa mu banyagihugu, mu gihe ayatanzwe hirya no hino kw’isi aharurwa mu majana.