Uwahoze ari perezida wa Cote d’Ivuware, Henri Konan Bedie yahamagariye abanyagihugu b’ico gihugu kuri uyu w’Imana kugarariza ubutegetsi kubera Perezida Alassane Ouattara azokwitoreza manda ya gatatu.
Bedie yateye ako kamo abanyagihugu inyuma y’ikoraniro ryabaye hagati y’imigambwe ikomeye itavuga rumwe n’ubutegetsi i Abidjan ku murwa mukuru.
Yavuze ko bahakanye ko ibwirizwa shingiro rihonyangwa ariko ntakamo ko guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu yo kw’itariki 31 z’ukwezi kwa cumi yateye.
Bedie, w’imyaka 86, ni umwe mu banyepolitike bane gusa bemerewe kuzokwitoza, inyuma y’aho sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yimiye abandi 40 uburenganzira bwo kuba abakandida.
Mubankiwe harimwo babiri bakomeye mu batavuga rumwe n’ubutegetsi kandi bahoze ku burongozi bw’igihugu, uwahoze ari perezida, Laurent Gbagbo n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Guillaume Soro.
Mu kwezi kwa munani, abantu 15 barishwe mumyiyerekano ifitaniye isano n’amatora yimirije, bituma reta ifata ingingo yo kubuza imyiyerekano gushika kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icenda.
Abakurikiranira hafi ivyo mur’ico gihugu bafise ubwoba ko hashobora kuba ubwicanyi nk’ubwabaye inyuma y’amatora yo mu 2010 yahitanye abantu 3 000.