Mu Burundi, kuva kuri uyu wa mbere amazu y'ubutambiro n'ibiteramo bibera mu tubare bita (karaoke) vyahagaritswe mu kiringo kitatomowe. Reta imenyesha ko bene ivyo bibanza biri mu bituma umugera wa Covid-19 urandagata.
Iyi ngingo ifashwe inyuma yaho ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura honyene hibonekereje abantu bagera kw'ijana banduye virusi ya Corona kuva kw'itariki ya kane uku kwezi kugeza uyu musi.
Ibibanza bihuriramwo abantu benshi harimwo ubunywero bene vyo basabwa kubahiriza amabwiriza n'ingingo Reta yashinze zo kwirinda Covid-19 zirimwo ugupima ubushuhe ababigana no kwama hari amazi meza n'isabuni vyo gukaraba.
Abazobirengako Reta yasubiye kwibutsa ko bazotangishwa ihadabu mbere banashengezwe mu butungane bibaye ngombwa. Izi ngingo zifashwe ku mugoroba wo kuri uyu mbere mu gihe kuva mu gatondo iyindi ngingo yo kugara imipaka yo hasi no mu mazi ariho yaja mu ngiro muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afurika.
Kuva mu kwezi kwa gatatu 2020 umuntu wa mbere agwaye umugera wa Covid-19 atowe mu Burundi, ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu bwatangaje ko abantu babiri ari bo bamaze guhitanwa n'ico kiza ku bagwayi 996 bamaze kuboneka. Kugeza kuri ino tariki hamaze gupimwa abantu barenga ibuhumbi cumi na bine.