Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Zimbabwe, “Movement for Democratic Change”, MDC mu mpfunyapfunyo wasubiye gutora Nelson Chamisa kubandanya awuyobora. Iyo ngingo yafashwe mw’ikoraniro rya mbere ry’uwo mugambwe kuva Morgan Tsvangirai yashinze uwo mugambwe yitavye Imana.
Chamisa yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze w’i 2018, niwe yari asanzwe ayoboye mu bisanzwe umugambwe MDC kuva Tsvangirai yitavye Imana haraheze umwaka. Yamara Chamisa ntiyari bwatorwe icese n’abanywanyi b’uwo mugambwe. Kubera yari umukandida wenyene itorwa ryiwe vyabaye ibisanzwe.
Chamisa yatangaje ko ihinduka riri mu nzira mu gihugu ca Zimbabwe no mu karere kose ka Afrika kubera abakiri bato bashikiye ubuyobozi muri ako karere.
Chamisa, umukandida w’umugambwe MDC mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2018, yatsinzwe na Prezida Emmerson Mnangagwa yaserukiye umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF. Chamisa yatangaje ko amatora yaranzwe n’ubusuma bukomeye, akaba yaranse kuva ico gihe kwemera intsinzi ya Mnangagwa.
Chamisa avuga ko imigambi yabo yoroshe, ko yerekeye uguhindura ibintu mu gihugu. Avuga ko bashaka kwubaka igihugu abantu bose biyumvamwo ngo kuko uko atariko ibintu bimeze muri iki gihe.