CENI Yemeza ko CNDD-FDD Yatsinze ku Bice 68,72%

Kuri uyu wa mbere ku muhingamo umugwi CENI ujejwe amatora mu Burundi washize ahabona ibitigiri mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine yabaye ku wa 20 uku kwezi.

Umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD Evariste Ndayishimiye ni we aza imbere muy’umukuru w’igihugu. Afise amajwi 68,72% akaba yatowe n’abantu bagera kuri 3.082. 210. Uwumukurikira ni Agathon Rwasa w’umugambwe CNL afise ibice 24,19% akaba yatowe n’abanyagihugu 1.084.712.

Umugambwe w’abadasigana Uprona uza mu kibanza ca gatatu ukaba waronse igice 1.64%, abawutoye bakaba ari 73353. Abandi bakandida bose bafise ibice biri hejuru y’ubusa ariko bidashika kuri kimwe.

Abashingamateka, umugambwe uri ku butegetsi nahone ni wo ufise benshi kurusha iyindi migambwe. Waronse 72 , CNL utahukana 27 nayo Uprona yarogojwe umwe rudende.

Kugira ibitigiri vy’ubwoko bikwire mu nama nshingamateka hategerezwa kuzokongerwamwo abandi bashingamateka 21 bo mu bwoko bw’ Abatusti n’abatatu b’Abatwa. Imigambwe ya Uprona, CNDD FDD na CNL ni yo izoja hamwe kuva kuri uyu wa kabiri kugira ibatore abo Batutsi.

Agathon Rwasa yarasanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka n’ubu yatowe mu bashingamateka co kimwe Gaston Sindimwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Amatora yitabiriwe ku bice 87,71% ku barundi 4.484.928 batoye. Abari bariyandikishije bose hamwe ni 5.130.418.

Your browser doesn’t support HTML5

CENI Ivuga ko CNDD FDD Yatsinze ku bice 68,72%, CNL Ironka 24,19%.


Mu cegeranyo umugambwe CNL waraye ushize ahabona, wemeje ko watahukanye intsinzi ufatiye ku vyegeranyo wahawe n'abari bahagarariye amatora. Mu kiganiro cihariye n'Ijwi ry'Amerika ku munsi wa kane, Agathon Rwasa yavuze ko "Amatora yabayemwo ubusuma".