Burundi: Umugambwe CNL Wiyamiriza Ingingo ya Reta Igwiza n'Ubusa Ivyavuye mu Makoraniro Yawo

Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL utavuga rumwe na Reta y'Uburundi

Ubushikiranganji bubarizwamwo ivy'intwaro yo hagati mu Burundi buheruka kwanka ivyavuye mu makoraniro abiri kaminuza y'umugambwe CNL utavuga rumwe na Reta y'Uburundi.

Mw'ikete ubwo bushikiranganji bwarungikiye umugambwe CNL, busigura ko bugwiza n'ubusa ivyavuye muri ayo makoraniro. Ni inyuma y'uko bamwe mu banywanyi b'umugambwe CNL bitwaye bavuga ko hari amakoraniro 2 y'uwo mugambwe atakurikije amategeko.

Mu kiganiro cihariye Umushingamateka Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yagarutse ku ngingo zavugiwe muri ayo makoraniro, yongera atera ivyatsi ivyagiriji vyose birimwo ivyo kutubahiriza amategeko mu gutegura amakoraniro kaminuza ya CNL.

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Umugambwe CNL Urahakana ivyo Wagirizwa na Reta