Burundi: Mu Kiringo c'Ukwezi 12 Barahitanywe n'Inzara muri Site Mubone

Abana 8 n'abatamakazi 4 ni bo bamaze kwitaba Imana kuva mu ntango z'uku kwezi k'umunani muri site ya Mubone, bitewe n'inzara. Iyo site iri muri zone ya Buterere, komine Ntahangwa mu buraruko bwa Bujumbura.

Abantu bagera kuri 700 baba muri iyo site bemeza ko baheruka imfashanyo mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka. Abajejwe intwaro bavuga ko ata bushobozi bafise bwo gutabara abo banyagihugu.

Site ya Mubone irimwo abantu bateshejwe izabo n'imyuzura y'imvura itwara imirima n'amazu.

Inkuru Yateguwe n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Mu Bitavye Imana Harimwo Abana n'Abatamakazi