Alain Guillaume Bunyoni yemejwe n'inama nshingamateka y'Uburundi nk'umushikiranganji wa mbere. Igikorwa co kumwemeza catumweko gihutihuti n'umukuru w'inama nshingamateka Pascal Nyabenda yabanje gusomera abashingamateka ikete ryarungitswe n’umukuru w’igihugu ryerekeye igikorwa cabazindukanye. Ni igikorwa camaze umwanya muto.
Muri iryo kete Perezida Evariste Ndayishimiye yanditse agira ati:" Ba nyakubahwa bashingamateka, twisunze ingingo ya 123 y’ibwirizwa nshingiro, jewe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, ndabarungikiye amazina abiri kugira muyemeze”. Ayo mazina hambavu y'irya Alain Guillaume Bunyoni, yarimwo kandi na Prosper Bazombanza yemejwe mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu.
Prosper Bazombanza, yahoze muri ico kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’I 2014-2015, aturuka mu mugambwe UPRONA ishami riri muri Reta, yemejwe ku majwi 91 ku bashinugamateka 94 bari bitavye ibikorwa, 2 baramuhakana, umwe na we ntaco yabivuzeko.
Alain Guillaume Bunyoni, na we yatowe nk’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ku majwi 92 ku bashingamateka 94 bari bahari, 2 na bo baramuhakana. Bunyoni yahora ari umushikiranganji akomeye mu gihugu afise n’ipete rya mbere riruta ayandi yose ahari mu gipolisi no mu gisirikare, "Commissaire de Police General”. Yabaye umushikiranganji w’umutekano kuva mu mwaka w’I 2005 gushika mu mwaka w’I 2011, ikibanza yagarutsemwo mu 2015 gushika ubu.
Itorwa ry'izo ndongozi ryabaye baba abashingamateka baturuka mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, CNL, canke uwutwara uwo mugambwe Agathon Rwasa asanzwe ari icegera ca mbere c’uwutwara inama nshingamateka atariho bari. Uwo mugambwe wamenyeshejeko wanse kwitaba ico gikorwa kuko batakimenyeshejwe.
Mw'itangazo uwo mugambwe wasohoye, wiyamirije ico wise "ubusuma" usigura ko ari igikorwa cari kibwirijwe kwitonderwa, kikamenyeshwa impande zose. Uwo mugambwe ucemanga ko wibwe amatora muri iryo tangazo washikirije amakenga yo kuba abo bashikiranganji bemejwe n’abashingamateka bagira barangize amabanga yabo kandi batazonaronka akanya ko kugenzura ingene abo bemeje bariko barakora.
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, ari na yo yahaye ububasha umukuru w’igihugu bwo kurahira imbere y’igihe, yari yasohoye ingingo ko Reta nshasha izoshingwa inzego zatowe zimaze kuboneka zose.
Alain Guillaume Bunyoni yemejwe kuba umushikiranganji wa mbere ari ku rutonde rw’abantu 7 harimwo ibihangange mu gipolisi n’igisirikare bafatiwe ibihano n’ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya hamwe na Amerika. Muri ivyo bihano, harimwo kudahonyoza ikirenge muri ivyo bihugu no gufata amatungo yabo yose ari muri ivyo bihugu.
Ubulayi na Amerika vyagiriza izo ntwazangabo ko ziri mu bahohoteye agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu mwaka w’2015. Atagihindutse, abo bategetsi babiri bemejwe n’inama nshingamateka bazorahira kuri uyu wa gatatu kugira batangure amabanga yabo.
Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.
Your browser doesn’t support HTML5