Burundi: Abapolisi Basubijwe mu Bikorwa vyo Kugarukana Amahoro mu Makungu

Bamwe mu basirikare b'Abarundi bari i Mogadicio muri Amisom mu 2017.

Prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yatangaje ko abaporisi b'Abarundi bagiye gusubizwa mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n'umutekano vya ONU inyuma y'imyaka irenga itanu barabikumiriwemwo.

Mw'ijambo yageje ku basirikari n'abapolisi, umukuru w'igihugu c'Uburundi yavuze no kuri raporo umurwi CVR uherutse gushikiriza Inama Nshingamateka ko ubwicanyi bwo muri 1972 ari jenoside yakorewe Abahutu. Yasiguye ko abagirizwa ubwo bwicanyi bakiriho batazokurikiranwa n'ubutungane kubera bamaze gusaza.

Inkuru y'umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Your browser doesn’t support HTML5

Abapolisi b'Uburundi Bari bahagaritswe mu Bikorwa vyo mu Makungu mu 2015