Burundi: Abanyengozi Babuze Nkurunziza Bavuga ko Babaye Imfuvyi

Pierre Nkurunziza ari i Ngozi mu matora yo guhindura ibwirizwa nshingiro

Mu ntara ya Ngozi aho umuhisi Perezida Nkurunziza avuka, urupfu rwiwe rwakiranywe umubabaro mwinshi. Mu bisata vya reta hakozwe imirimo ibayabaye n’ubwo umutekano waboneka ko wifashe neza.

Nko mu gisata c’ubutungane, ibiro vy’abacamanza n’amasentare vyari vyuguruye. Umwe mu bakorera muri ico gisata mu ntara ya Ngozi, yabwiye isoko y'Ijwi ry’Amerika ko buguruye ariko ko baronse itegeko ryo kudasasa mu manza zaba iz’amatati canke iz’ivyaha zari ku rutonde rwo kuburanishwa muri iyi misi y’ikigandaro.

Uyo mukozi wo mu butungane atashimye ko izina ryiwe rija ahabona, amenyesha ko imanza z’ivyaha z’ikibiriraho zishobora kuburanishwa mu gihe zoboneka. Amaso y’Ijwi ry’Amerika mu gisagara ca Ngozi, atumenyesha ko no mu bindi bisata vya reta hakozwe imirimo ibayabaye.

Nko ku biro vya Komine Ngozi hahora haboneka abantu benshi baje kwitura ibisata bitandukanye bihakorera, haboneka abantu bake cane. Ibintu vyari nk’uko no ku biro vy’intara, aharangurira imirimo itandukanye mu karere k’uburaruko. Ku bw’ayo makuru, uruja n’uruza rwahora rwibonekeza ku biro vyo gutoza amakori n’amatagisi ya Reta rwari rwagabanutse aho ku biro vy’intara mu gisata ca OBR.

Ayandi makuru yatohojwe n’Ijwi ry’Amerika, avuga ko ingendo zimwe mu ngendo z’akazi zari zitegekanijwe hagati mu gihugu zasibijwe aho mu ntara ya Ngozi. No mu bisata vy’abikorera utwabo imirimo yakozwe. Yamara ibikorwa vyatanguye nabi nabi nk’aho biboneka ko bari bacitse intege. Ni nko mu gisata co gutwara abantu n’ibintu aho ingenzi zari nkeya cane muri iki gitondo. Ivyo navyo Ijwi ry’Amerika ribikesha umwe mu badereva b’imiduga yunguruza abantu n’ibintu akorera mu gituro c’imodoka zitwara abantu n’ibintu mu ntara za Kayanza, Kirundo, na Muyinga.

Amakuru atandukanye dukesha abanywanyi b’iradiyo yanyu, Ijwi ry'Amerika, amenyesha ko inkuru y’urupfu rwa perezida Nkurunziza imaze kumenyekana habaye ikimenyetso c’ubwoba. N’aho ata tegeko ryo gutaha kare ryasohotse, bamwe mu bari bamenyereye guteramira mu bunywero mu gisagara ca Ngozi, baribwirije gutaha kare.

Aho i Ngozi, Umuhisi perezida Nkurunziza yahaba kenshi kuko yari asanzwe ahafise ikirimba ashikiramwo aho avuka ku mutumba wa Buye muri komine Mwumba. Yahakorera ibikorwa vy’uburimyi n’ubworozi, akahakorera ibikorwa vy’ukunonora imitsi aho yari yaranashinze ishure ryigisha umupira w’amaguru «Academie le Messager». Kuri uyo mutumba nk’uko amakuru adushikira abivuga, abaho bemeza ko babuze umuvukanyi hejuru yo kubura umukuru w’igihugu.