Abashingwamanza batatu bari kumwe n’abamenyeshamakuru 9, bakatiwe urubanza rwo guherayo na sentare ntahinyuzwa bagirijwe kuba bagiye mu bashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza kugeza uno musi ntibemera urwo bakatiwe. Abo bashingwamanza kuri uno wagatanu baremesheje ikiganiro ku buhinga ngurukanabumenyi bwa ZOOM kugira berekane ko urubanza sentare ntahinyuzwa yabakatiye rutandukanye n’ubutungane.
Vital Nshimirimana yar’arongoye mu mwaka 2015 Mouvement Halte au troisième mandat, umuhari wiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza ari naco azira uno musi aravuga igituma bahisemwo kuja hamwe ari 12 kandi abakatiwe bose ari 34.
Vital Nshimirimana yanamenyesheje ko iyaba urubanza rwabo rutafashe intumbero ya politike ntibaba baciriwe urwo rubanza avuga ko ari urwa ngondagonde akavuga ko rutisunze amategeko.
Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize ari mu bakatiwe nawe nyene umunyororo wo guherayo avuga ko amategeko y’Uburundi adashobora gucira urubanza abantu ikivunga ata numwe arengutse.
Ku kibazo kijanye no kwunguruza mu rubanza bavuga ko batemera, umushingwamanza Armel Niyongere amenyesha ko muri kahise hari abarengeye amabanga barimwo barahagararira ubutungane. Ati bizera ko hazogera igihe mu Burundi haboneka abantu ka Antoine Nduwayo yitandukanije na reta ya Michel Micombero mu mwaka 1971 akanka ko abantu barenganywa, intahe iriganza mu Burundi.
Abo bashingwamanza bamenyesheje ko sentare ntahinyuzwa yabankiye kwunguruza, abashingwamanza bahaye dosiye zabo bakanka kubakira ibibandanya vyerekana ko urubanza rwabo ari politike nk’uko babimenyesha.
Twarondeye Angnes Bangiricenge avugira sentare ntahinyuzwa kugira aduhe umuco kuri ivyo abo bashingwamanza bagiriza iyo sentare avugira, turamukena haba kuri terefone ngendanwa cane ku rubuga rwiwe rwa whatsapp.