Abanyeshule bane hamwe n’umuntu umwe akuze bishwe barashwe igihe c’imyiyerekano yabereye mu gisagara ca Sudani citwa EL-Obeid, ari naco murwa mukuru w’intara ya Kordofan yo mu buraruko.
Ishirahamwe ry’abaganga ryatangaje iyo nkuru, rivuga ko abo bantu batanu bishwe igihe c’imyiyerekano y’abanyeshule bo mw’ishule ryisumbuye, yariko ibera muri ico gisagara.
Abandi bantu batari bake barimwo umukuru w’ishirahamwe ryatunganije iyo myiyerekeno imaze amezi n’amezi, barakomeretse.
Gushika ubu, abategetsi bo mu gihugu ca Sudani, hamwe n’abasirikare barongoye igihugu, basubiriye Prezida Omar al- Bashira, ntaco baravuga kuri ubwo bwicanyi.