Barankitse: Sindota Mpeba Kuvuga Ibitagenda Neza mu Burundi

Marguerite Barankitse mu kiganiro catumye haba imyiyerekano yo kwiyamiriza amwe mu maradiyo y'Abafaransa

Bamwe mu banywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, n’amashirahamwe yigenga yegereye ubutegetsi muri ico gihugu kuri uno wa gatandatu bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ibinyamakuru vyo mu Bufaransa RFI, TV5 na Journal le Monde.

Amaradiyo y’Abafaransa yiyamirijwe inyuma y’ikiganiro aheruka guha umupfasoni Marguerite Barankitse aramutswa ikigo Maison Shalom. Ni ikiganiro abegereye ubutegetsi bavuga ko cari gihengamye.

Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Delahousse Laurent, yabwiye abamenyeshamakuru bari baje gukurikirana ivy’iyo myiyerekano ko amaradiyo yo mu Bufaransa aha ijambo bose atawe akumiriye

Ku ruhande rwiwe Marguerite Barankitse, mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika aho ari mu gisagara ca Ottawa muri Canada kuronswa agashimwe n'inama nshingamateka y'ico gihugu, yavuze ko iyo myiyerekano ata nguvu ishobora kumuca.

Umupfasoni Barankitse yashimangiye ko atimirije guhora ibitagenda neza mu Burundi, yongera avuga ko ivyo yavugiye mu kiganiro n'ivyo binyamakuru vyo mu Bufaransa ari ukuri kandi abihagazeko.

Your browser doesn’t support HTML5

Barankitse: Sinimirije Guhora