Ayo masanamu y’uwo mwirabure ariko akubitirwa ku rwinjiriro ry’inyubakwa yarerekanywe mu makuru ku mateleviziyo atandukanye ay’Ubufransa yongera arahererekanywa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Ivyo bishobora kwongereza icuka kibi gifatiye kw’ibara ry’urukoba hagati y’ubwoko butandukanye mu gihugu. Ni mu gihe hari ivyagirizo vy’inguvu z’umurengera zikoreshwa n’igipolisi ku birabure n’iyindi mirwi iri ku rushi mu gihugu.
Igopolisi co ku murwa mukuru, Paris caza caranebaguwe muri iyi ndwi inyuma amasanamu yahererekanijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekanye abapolisi bariko bakubita abantu bari mu myiyerekano igihe bariko babakura mu kibanza c’abimukira kitari giciye mu mategeko ku murwa mukuru Paris.
Uwo mwirabure azwi kw’izina rya Michel n’umuntu aringaniza imiziki y’bacuraranzi. Yabwiye abamenyeshamakuru ko abapolisi bamusumbiyeko mu kibanza akoreramwo ku murwa mukuru, Paris kw’italiki 21 y’uku kwezi kw’icumi na rimwe.
Avuga ko yariko agenda kw’ibarabara atambaye agafukamunwa mu biciye kubiri n’amabwirizwa ya reta yerakeye ikiza ca Covid-19. Inyuma yuko abonye imodoka y’igipolisi yaciye yinjira muri studiyo iri hafi y’aho yari kugira yirinde gutanga ihadabu. Yamara avuga ko abapolisi bamukwirikiye muri iyo studio batangura kumukubita n’ukumutuka mu majambo atyoza abantu bafise urukoba rwirabura.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Bufransa, Gerald Darmanin yabwiye televiziyo y’Ubufransa France2 ku musi wa kane ko abo bapolisi bazofatirwa ibihano niyo vyagaragara ko bakoze amakosa.