Mu Burundi Ibitero vy'Abitwaje Ibigwanisho Birabandanya.

Inyuma y'igitero cahitanye abantu ku musi wa gatatu, mw'ishamba cimeza rya Rukoko, ku musi wa kane mu gitondo habaye igitero ku nka zororerwa muri ako karere.

Mw'ijoro ryo ku musi wa gatatu igenekerezo rya 15 buca ari ku musi wa kane, igitero cakurikiye icari caraye kibereye mu Rukoko, cahitanye inka zirenga mirongo itatu. Abakoze ico gitero nabo nyene bari bitwaje inkoho n'imipanga. Inyuma y'igitero cahitanye abantu ku musi wa gatatu, mw'ishamba cimeza rya Rukoko, ku musi wa kane mu gitondo habaye igitero ku nka zororerwa muri ako karere.

Abungere n'abakorera ubworozi hafi y'iryo shamba rya Rukoko bavuga ko batakaje inka mirongo itatu n'umunani zishwe. Zimwe ngo zarishwe izindi nazo zicika ibimuga kubera gutemagurwa.Ngo hari n’izanyurujwe. Umwe mu bungere twaganiriye yatubwiye ko abo bagwanyi baje babaza ko batandukanya inka z'abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD n’izindi, bica vyibonekeza ko arizo baje barondera.

Inka zo mw’iyororero ry’aho bita Butanuka, mu kiyaya ca Rukoko, zigizwe n’ibice birenga mirongo itandatu kw'ijana vy'inka z'aborozi bo mu gisagara ca Bujumbura. Abo bungere bavuga ko igitero kuri izo nka, catanguye igihe c'isaha imwe y'ijoro, gushika naho abajejwe umutekano bahavuye baja gutabara. Abanyagihugu begereye ako karere ubu bafise ubwoba bwinshi. Ejo imbere y’umutaga igihe twariko turatohoza iyi nkuru, abungere batubwiye ko dukwiye kwihuta tukava muri ako karere, ngo kuko bari bahejeje kuronka terefone y'abitwaje ibigwanisho ibabwira ko bagiye kugaruka. Abaporisi bajejwe iperereza n'abajejwe umutekano w'ako karere baciye bakora inama, bamenyesha ko bafashe ingingo zikomeye zo gucungera umutekano.

Ku vyerekeye igitero ca mbere c’aho mu Rukoko, abajejwe intwaro, n’abajejwe ubuvuzi bavuga ko igitigiri c’abahitanywa n'ico gitero kigeze ku bantu cumi n'umwe bishwe, ariko ko igitigiri c’abagizwe imbohe kitaramenyekana.