Amwe mu Mafoto y'Ivyaranze CHOGM n'Abitabiriye Iyo Nama Yari Imaze Iminsi Ibera mu Rwanda
Kuri ino foto, Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yariko asozera inama ya Commonwealth igira 26 yari imaze indwi ibera i Kigali mu Rwanda. Mu ngingo zafundikiwe muri iyo nama, harimwo ukwemerera Gabon na Togo kwinjira mu muryango wa commonwealth uhurikiyemwo ibihugu bikoresha icongereza. Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yatorewe gutwara Commonwealth mu kiringo c'imyaka ibiri. Mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru ku munsi wa nyuma wa CHOGM yagize ati: " Twemeye ko Gabon na Togo baba abanyamuryango bashasha. Tubahaye ikaze."
Ino foto, yafashwe umunsi Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yakira abitabiriye CHOGM ya 26. Mw'ijambo yashikirije abitabiriye iyo nama bavuye mu mihingo y'isi yose, yabasavye gusenyera ku mugozi umwe ababwira ati: " Kuva mu 2020, twaciye muri vyinshi mu bihugu vyacu bitandukanye, mu miryango itandukanye ibihugu vyegukira, no muri Commonwealth muri rusangi. Ikiza ca Virusi ya Carona ni akaga n'ishano vyagwiriye isi, ariko na none vyongeye kutwereka akarusho ko gukorera hamwe biciye mu migambi itandukanye no mu kibano. Ntidushobora gutera imbere tudakoreye hamwe."
Mu birori vyugurura CHOGM vyabereye muri Kigali Convention Centre, prezida w'u Rwanda Paul Kagame yabwiye abitabiriye inama y'uno mwaka ko U Rwanda rwishimiye kubakira mu nama ya CHOGM igira 26. CHOGM y'uno mwaka, igize iya gatandatu ibereye ku mugabane wa Afurika, n'iya mbere ibaye kuva ikiza ca COVID-19 caduka.
Ifoto rusangi y'abategetsi ba Commonwealth bitabiriye CHOGM 2022. Mu bari muri iyo foto, harimwo prezida wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, hari haheze imyaka itari mike ataza mu Rwanda, bivuye ku cuka kibi ca politike cari hagati ya Uganda n'u Rwanda.
Mu bitabiriye CHOGM 2022, harimwo Igikomangoma c'Ubwongereza Charles, yari ahagarariye umwamikazi w'Ubwongereza Elizabati wa kabiri. Charles, ni uwo ari i bubamfu bwa Prezida Kagame.
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame n'igikomangoma c'Ubwongereza, Charles, kuri ino foto bari mu ngoro y'umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Urugwiro Village. Ibiganiro Igikomangoma Charles yagiranye na Prezida Kagame, vyari bishingiye ku migambi ivyo bihugu bisanzwe bisangiye mu bisata bitandukanye.
Igikomangoma Charles mu Rwanda yaherekejwe na madamu wiwe, Camilla. Uko ari babiri, ni ubwa mbere bari bagendeye ico gihugu. Iyo foto ya Madame Jeannette Kagame, Igikomangoma c'Ubwongereza Charles, Prezida Kagame, Madamu w'igikomangoma c'Ubwongereza (Camilla), yafatiwe mu Urugwiro Village, umunsi Prezida Kagame na Madamu wiwe bakira umuryango w'Igikomangoma c'Ubwongereza.
Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'u Rwanda, yakira umufasha w'igikomangoma c'Ubwongereza muri Village Ururwiro. Madamu Jeannette Kagame yavuze ko we na Camilla bagiranye ibiyago bishingiye ku gufasha mu vy'indero, amagara meza kuri bose, guteza imbere abapfasoni n'abakiri bato n'ibindi.
Umutambukanyi w'igikomangoma c'Ubwongereza kumwe n'umutambukanyi wa prezida w'u Rwanda, inyuma y'ibiganiro bagiraniye mu Urugwiro Village.
Ifoto rusangi y'abo Madamu Jeanette Kagame yakiriye umunsi yakira umufasha w'igikomangoma c'Ubwongereza muri Village Urugwiro.
Madamu Jeanette Kagame na Camilla bararonse akanya ko kugendera ububiko bw'ibitabo rusangi (Public Library) buri i Kigali mu Rwanda, bongera bagirana ibiganiro n'abana bahasanze, bababwira ko "Umusomyi w'uno munsi ari we mutegetsi w'ejo!".
Mu bategetsi bandi b'Ubwongereza bitabiriye CHOGM 2022, harimwo umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson.
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yararonse akanya ko kuganira n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson, bagaruka ku migambi itandukanye iri hagati y'ivyo bihugu irimwo ukwimurira mu Rwanda abimukira bageze ku butaka bw'Ubwongereza bidaciye mu mategeko n'iyindo migambi y'ubutunzi.
Kuri ino foto: Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza n'umutambukanyi wiwe kumwe na Prezida w'u Rwanda n'umutambukanyi wiwe.
Uva i bubamfu uja i buryo: Igikomangoma c'Ubwongereza Charles, umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau na prezida w'u Rwanda Paul Kagame. Mu vyo Canada yemereye muri CHOGM 2022, harimwo kugurura ubuserukizi bwayo i Kigali mu Rwanda.
Kuri ino foto, prezida w'u Rwanda Paul Kagame yari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'izinga rya Bahamas ari we Philip Davis. Ino foto yafatiwe mu nama y'ubutunzi n'abanyamitahe b'ibihugu bigize Commonwealth.
Kuri ino foto, Prezida Kagame yari kumwe n'umunyamabanga mukuru wa Commonwealth Patricia Scotland. Paul Kagame yatorewe kuba umukuru w'uwo muryango mu kiringo c'imyaka ibiri iri imbere, Madame Patricia nawe yongerwa manda y'ubunyamabanga bw'uwo muryango uhurikiyemwo ibihugu bihuriye ku rurimi rw'icongereza.
Mu bandi bitabiriye inama ya CHOGM , harimwo umushikiranganji wa mbere w'Ubwami bwa Tonga ari we Hon. Siaosi Sovaleni (Ahagaze i bubamfu bwa Prezida Kagame.) Ubwami bwa Tonga buri mu bugize amabahari 170 yo muri Reta ya Polynesie.
Prezida Kagame kumwe na Melinda Gates. Mu biganiro Melinda yagiranye na Kagame, harimwo ibijanye n'ugufashanya mu bisata vy'uburimyi n'amagara y'abantu.
Mu bindi vyaranze CHOGM 2022, harimwo ugushinga umushinge w'ahazokubakwa ishami ry'ikigo gikora incanco n'imiti, BioNTech. Mu bategetsi bitabiriye ibiro vyo gushinga umushinge wa mbere, harimwo prezida wa Ghana Nakufo Addo, uwa Guyana Irfaan Ali, Umukuru wa BioNTech CEO, Uğur Şahin, umukuru wa komisiyo y'Ubumwe bwa Afurika, Moussa Faki, n'umunyamabanga mukuru w'ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi Dr Tedros
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame mu birori vyo gushinga umushinge w'ahazokubakwa ishami ry'ikigo gikora incanco n'imiti BionNTech mu Rwanda. Paul kagame ashinga umushinge wa mbere w'ico kigo co mu Budagi, yavuze ko ari intambwe ikomeye yo kuronsa incanco abanyagihugu bose ata wukumiriwe kubera amikoro make, canke ubuke bwazo.
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame mu biganiro n'umutegetsi mukuru wa Qatar, Tamim ben Hamad Al Thani
Madame Jeanette Kagame, yugurura ihuriro ry'abapfasoni bitabiriye CHOGM 2022.
Bamwe mu bapfasoni b'abategetsi bitabiriye CHOGM 2022.
Igikomangoma c'Ubwongereza Charles agendera ahari urwibutso rw'abazize Jenoside yakorewe Abatutsi i Nyamata.
Igikomangoma c'Ubwongereza Charles kumwe n'abarokotse a Jenoside yakorewe Abatutsi i Nyamata.
Prezida w'u Rwanda na Madamu wiwe ku mugoroba w'amafunguro yafashwe mu mugongo n'umwamikazi w'Ubwongereza.
Prezida Kagame ashika ahabereye umwiherero usozera CHOGM 2022.
Bamwe mu bategetsi bitabiriye CHOGM bagana ahabeereye umwiherero wabo
Prezida Paul Kagame ku munsi wa nyuma wa CHOGM
Prezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni ymabuka umupaka wa Gatuna imbere yo kuja muri CHOGM 2022.
Rumwe mu rwaruka rwitabiriye CHOGM 2022.