Amwe mu Mafoto y'Amatora ya Amerika 2024

Umwe mu banyamerika batoreye muri reta ya  Pennsylvania. Iyi reta iri mu ma reta indwi afatwa nk'ayashobora gutatura ibiva mu matora. Ayo ma reta rimwe na rimwe aha amajwi menshi Abademokarate, ikindi gihe akayaha  Abarepubulikani. Hambavu ya Pennsylvania ayandi ni Georgia, North Carolina, Michigan, Arizona, Wisconsin na Nevada.

Uyu ari kuri iyo foto yitwa Henry Schultz. Afise imyaka 18. Ni ubwa mbere atoye. Yatoreye muri reta ya Wisconsin.

Aba banyagihugu bariko baratora ni abo mu gisagara ca Lewiston co muri reta ya Maine. Iyi reta irimwo abimukira benshi bakomoka mu karere k'ibviyaga binini vya Afurika birimwo Uburundi n'u Rwanda.

Iyi foto yafatiwe muri reta ya Karorina y'uburaruko. Uwu mupfasoni ari imbere y'ibiro vy'itora vyo mu gisagara ca Raleigh. 

Uwu mupfasoni ari kw'ifoto yitwa Mary Miller wo muri reta ya Michigan. Agendana ubumuga butamworohereza kuva mu muduga ngo aje aho atorera. Abo bandi bari kw'ifoto, harimwo umubanyi wiwe n'umwe mu bahagarariye amatora badasangiye umugambwe ariko aramufasha gutora.

Aba mubona kuri ino foto bari ku murongo, ni Abanyamerika batoreye mu gisagara ca Boston co muri Reta ya Massachusetts.

Umwana ari kuri iyo foto, yitwa Vesta Avery w'imyaka 2. Ariko yiryohera  afata ikaramu aho nyina wiwe Alexis Taylor ariko aratora. Vesta na Avery ni abo muri reta ya New York.

Bamwe mu banyagihugu bo muri reta ya New York bariko baratora. 

Bamwe mu bacungera amatora basuzuma impapuro zo gutorerako muri reta ya New York 

Reta ya Alabama iri mu buseruko bushira ubumanuko bwa Amerika yazindukiyemwo imvura. Naho biri uko, imirongo yari miremire. Aba ni bamwe mu batoreye mu gisagara ca Alabama.

Uyu ni Senateri JD Vance n'abana biwe. JD Vance ni we mukandida mu mwanya wa visi prezida ku ruhande rw'abarepublikane. Yatoreye mu gisagara ca  Cincinnati muri reta ya Ohio. 

Uyu munyamerikakakazi wo muri reta ya Florida ashigikiye umukandida w'abarepublikane ku mwanya wa prezida, Donald Trump. Afise igikinisho gishushanijeko Trump, n'agapapuro baha kanditseko 'My Voye", ( Uwo natoye).

Bamwe mu bajejwe amatora aca muri posita mu gisagara ca Philadelphia co muri reta ya Pennsylvania.

Bamwe mu bajejwe gucungera amatora mu gisagara ca North Jackson co muri reta ya Mississippi. Aha bariko bararahira imbere y'ugutangura ibikorwa vy'amatora mu gatondo k'uno wa kabiri.

Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca  Scranton cco muri reta ya High School in  Pennsylvania bari ku mirongo barindiriye gutora. 

Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca  Phoenix co muri reta ya Arizona barindiriye gutora.

Abanyamerika baracarindiriye kumenya uwaronse amajwi menshi mu matora ya prezida. Abakandida bahiganira intebe ya prezida wa Amerika ni Visi Prezida Kamala Harris ku ruhande rw'abademokrate na Donald Trump yahoze ari prezida ku ruhande rw'abarepublikane.