Inyuma y’indwi zitatu Uburundi butunganije amatora y’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye, urunani Amizero y’Abarundi ruvuga ko hari abanywanyi barwo bagifunzwe bazira ibikorwa vyo muri ayo matora.
Umushingamateka Pierre Céléstin Ndikumana arongoye umurwi w’abashingamateka b’urwo runani asigura ko naho hari abagiye bararekurwa mu ntara zimwe zimwe, hari abagifunzwe n’ababurabuzwa bazira kuba bavugiye hejuru ko bashigikiye « Oya ».
Mu turorero Celestin atangako akarorero, harimwo abapfasoni bakorera urudandazwa ruto ruto ahitwa Magara muri komine ya Rumonge babujijwe kubandanya bakora uwo murimo wabo n'amazu y’abakora akazi ko kumwa yabomaguwe mu ntara ya Kayanza.
Joachim Manirakiza musitanteri wa Komine Bugarama y’intara ya Rumonge ivugwamwo bamwe mu baburabuzwa arahakana ivyo vyagiriji. Manirakiza asigura ko nk’abapfasoni urunani Amizero y’Abarundi ruvuga ko bavanywe aho badandariza mu ntumbero yo guca intege abigeme baheba amashure bakaza kudandaza.
Bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ashira umukono kw’ibwirizwa shingiro rishasha urunani Amizero y’Abarundi rutemera ko ryatowe ku bice birenga 70 kw’ijana kuri uno wa kane.
Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi, Chryssie Munezero.
Your browser doesn’t support HTML5
Ababurabuzwa bazira oya ni abo mu ntara izahe?