Amerika Isabwa Gufungura Amaso ku Bibera mu Burundi

Bamwe mu bari bitabiriye ibiganiro

Inyuma y’imyaka ine Uburundi bwinjiye mu bibazo vya Politike abaharanira agateka ka zina muntu bemeza ko ibintu bikomeje kuba bibi gusumba. Mu biganiro bamwe mu bashingamateka ba Amerika, abagize ayo mashirahamwe ndetse n’Abarundi baba I Washington bagiranye kuri uno wa mbere, izo mpande zose zasanze ikibazo c’Uburundi kiriko gitera cibagirana naho impinga ikiri ndende.

Abitabiriye ivyo biganiro vyabereye ahakorera inama nshingamateka ya Amerika bagarutse ku bibazo bitandukanye birimwo ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro no kubahiriza agateka ka zina muntu.

Umushingamateka yatowe muri Reta ya Massachusetts, Jim McGovern, akomoka mu mugambwe w’abademocrate ari mu bafashe amajambo yavuze ko intambwe Uburundi bwari bwarateye muri ivyo bisata amasezerano ya Arusha agisinywa zikomeje gusubira inyuma nk’ibirenge.

Marguerite Barankitse aramutswa ikigo Maison Shalom yari muri ivyo biganiro naho ashima umwitwarariko wa Amerika ku Burundi utubazo tw’ico gihugu kiriko kirakora ntitubuze: Barankitse yabwiye abari muri ivyo biganiro ko adatahura igituma amashirahamwe yo muri Amerika yafashe iyambere mu gutanga imyidondoro ifatiye ku moko y'Abarundi bayakorera.

Ku ruhande rw'ishirahamwe mpuzamakungu Human Rigts Watch riharanira agateka ka zina muntu bemeza ko ata kinini barindiriye mu matora yo mu 2020 baravye icuka kiri mu gihugu. Lewis Mudge atwara igisata ca Afurika y'ubuseruko muri iryo shirahamwe yagarutse ku baburabuzwa batozwa amafaranga yo guterera amatora no ku rubuga rwa politike rwugawe ku batavuga rumwe na Reta.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya ico reta y’Uburundi yibaza kuri ivyo vyagiriji, umuvugizi wayo Prosper Ntahorwamiye mu kiganiro gito kuri terefone avuga ko: Ubwa mbere adashobora kuvugana n’Ijwi ry’Amerika bivuye kuco yise “Ukuba batacubatse rukirisu n’iyo radiyo, n’imigenderanire itari myiza”, ubwa kabiri Ntahorwamiye yasiguriye igisata c’Ikirundi n’Ikinyarwanda ko atovugira Reta ataco iramutuma gutangaza.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Washington DC Diane Nininahazwe.

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi muri Kongre y'Amerika