Amerika Yiteguriye Gutanga Incanco za Mbere za Covid-19

Uyu mwaka wa 2020 ushobora kuzohera Reta Zunze Ubumwe z'Amerika zimaze gutangura gutanga urucanco rwo gukinga ikiza ca Virusi ya Corona. Umushikiranganji ajejwe ivy’amagara y’abantu muri Amerika, Alex Azar, yongeye gushimangira ivy’ano makuru asaba abanyamerika kubandanya bikingira uwu mugera.

Alex Azar mu kiganiro yakoranye na televiziyo nyamerika, Fox News, yavuze ko umuco uriko uratamanzura, bitarenze ku wa kane w'indwi iza ababijejwe bazoba bamaze kwemeza niba urucanco rwakozwe na sosiyeye Pfizer-BioNTech rwotangura gutangwa, hama mu yindi ndwi ikurikira hakemezwa itangwa ry’urundi rucanco rwakozwe n’ikigo Moderna c’aha muri Amerika.

Inyuma y'amasaha make urucanco rwa Pfizer rumaze guheza kwemezwa ku wa kane, abakozi bakorera mu gisata c’amagara y’abantu bazoshobobora gutangura kuruhabwa nkuko uwo mutegetsi abandanya abivuga. Incanco za mbere zigera ku miriyoni 40 vyitezwe ko zizoba zimaze kuboneka gushika mu mpera z'uyu mwaka, zizohabwa abakorera mu gisata c'ubuvuzi, hama abandi banyagihugu muri rusangi batangure kuzihabwa inyuma y’uwo muce uri mu babangamiwe.

Mu gihe amatohoza yakozwe aha muri Amerika yerekana ko abantu bane kuri cumi batinya kuzohabwa incanco za Covid-19, umushikiranganji Azar yahumurije avuga ko ubuhamya bwa mbere bw'abazocandarwa buzotuma benshi bazihurumbira.

Ibiharuro vya nyuma bitangwa na kaminuza ya Johns Hopkins ikora ubushakashatsi ku vy'ikiza ca virusi ya Corona ikanagitangako amakuru ku mwanya ku mwanya, vyerekana ko abanyamerika bamaze guhitanwa na Covid-19 barenga ibihumbi 281, mu gihe abafise ubwandu barenze imiriyoni 14 n’ibihumbi amajana atandatu.