Amerika Yemeje Ikinini ca Mbere Kivura Covid-19 Cakozwe na Pfizer

Ibinini bivura Corona vyakozwe na Pfizer

Ikinini cakozwe na sosiyete ikora imiti Pfizer, kibaye umuti wa mbere wemejwe na Amerika, uvura ikiza Covid-19. Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bemeje ico kinini uyu musi ku wa gatatu.

Abanyamerika bazoshobora gufata ico kinini gituza ubukari bw’ikiza ca Covid-19, bari mu ngo zabo. Iyo ntambwe ikomeye mu gutuza ico kiza yari irindiriwe igihe kitari gito, ishitsweko mu gihe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ibitigiri vy’abantu binjira mu bitaro kubera ico kiza hamwe n’abo gihitana, biriko biriyongera.

Ishitsweko kandi mu gihe abategetsi bajejwe amagara y'abantu bariko baragabisha ko ubwoko bushasha bw’uyo mugera Omicron bwadutse, bushobora gutuma ibitaro birengerwa n’abarwayi. Ico kinini citwa Paxlovid, kiravura mu buryo bwihuta ikiza ca Covid-19, yamara mu misi ya mbere ivyo binini ntibizoneka ari vyinshi. Iyindi miti yose yari yemewe muri kahise, yatangwa mu nshinge.