Ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi bwabujije abakozi babwo gukora ingendo mu ntara za Bubanza na Cibitoke.
Mu butumwa bwo kugabisha, ubwo buserukizi bwasohoye kuri uno wa kabiri, bwasiguye ko bubujije abakozi babwo kugendera muri izo ntara no mu micungararo yazo kubera umutekano muke uharangwa.
Ahandi abakozi ba ambassade y’Amerika mu Burundi babujijwe kuja ni muri parike y’igihugu ya Kibira harimwo n’igice kinini c’iyo parike kiri mu ntara ya Muramvya. Muri ubwo butumwa bugabisha, ubuserukizi bwa Amerika bwihanikirije abakozi babwo guca mw’ibarabara RN10 igihe cose boshaka kuja mu ntara ya Kayanza.
Ubuserukizi bw’Amerika bubujije abakozi babwo kugendera mu ntara za Cibitoke na Bubanza inyuma y’igitero cagabwe muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke mw’ijoro ry’uwa16 rishira iya 17.
Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uno wa kane, yegetse ico gitero ku gisirikare c’u Rwanda. Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper Ntahogwamiye yasomye iryo tangazo yavuze ko ico gitero cahitanye abatari bake conona vyinshi. Muri iryo tangazo Uburundi bwagabishije u Rwanda bwongera busaba amakungu kurukiza ico bwise “Agasomborotso”, atari uko bukivuna.
Your browser doesn’t support HTML5
Ku ruhande rw’u Rwanda, umunyamabanga wa Reta mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y'ico gihugu n'ayandi makungu Olivier Nduhungirehe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ivyagiriji nk’ivyo bije bizanana mu Burundi ata gishasha kirimwo.
Ambasaderi Nduhungirehe yasiguye ko imbere yo kwegeka ibinyoma ku Rwanda ata vyemezo, Uburundi bwari kubwirizwa kwibuka “Ibitero umurwi FLN wagiye ugaba mu Rwanda biturukanye mu Burundi.”
Your browser doesn’t support HTML5