Amerika na Bulaya Vuba mu Biganiro ku Gasomborotso ka Irani

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika Mike Pompeo kumwe na mugenzi we w'Ubwongereza Jeremy Hunt i Buruseri

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo yashitse uno musi ku wa mbere ku cicaro c’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububiligi, Bruxelles. Niho ahagaze ubwa mbere mu rugendo arimwo mu karere k’i Bulaya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Morgan Ortagus yatangaje uno musi ku wa mbere ko Pompeo azobonana n’abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya i Bruxelles kugira baganire ku ngingo n’amajambo vy’agasomborotso vy’igihugu ca Irani biherutse kwibonekeza.

Ortagus yavuze ko Pompeo azobandanya gukorana n’ibihugu vy’i Bulaya bicuditse na Amerika hamwe n’ibindi bihugu bikorana na Amerika kugira bibone ko umutekano wavyo n’inyungu zavyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi no mu makungu vyubahirijwe.

Mu ntango umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo yari afise imigambi y’ukubonana uno musi ku wa mbere n’abaserukira Amerika hamwe n’abayoboye amashirahamwe agira imirimo y’ubudandaji ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou.

Yamara iyo migambi yarahindutse ku musi w’Imana. Mike Pompeo akaba aza guhagarara ubwa mbere mu gihugu c’Ububiligi.

Pompeo azoja mu gisagara ca Sochi ejo ku musi wa kabiri mu biganiro na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Sergei Lavrov.

Urugendo rwa Mike Pompeo rubaye indwi nkeyi imbere y’inama y’ibihugu bigize umurwi G-20 izobera mu gisagara ca Osaka mu gihugu c’Ubuyapani.

Prezida wa Amerika, Donald Trump na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin bazokwitaba iyo nama.